6 Maze imisi y’ityororwa ryiwe ku bw’umuhungu canke ku bw’umukobwa niyakwira, azozana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro impfizi y’intama ikiri nto, mu mwaka wayo wa mbere, ku bw’ishikanwa riturirwa+, n’inuma ikiri nto canke intunguru+ ku bw’ishikanwa ry’igicumuro, abihe umuherezi.