1 Abami 17:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Maze arambarara kuri nya mwana+ incuro zitatu hanyuma ahamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima+ bw’uyu mwana bumugarukamwo.” Luka 8:54 Bibiliya y’isi nshasha 54 Mugabo amufata ukuboko hanyuma arahamagara, ati: “Mukobwa wanje, haguruka+!” Yohani 11:43 Bibiliya y’isi nshasha 43 Aho avugiye ivyo bintu, arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, sohoka+!” Ivyakozwe 9:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Mugabo Petero asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama, arasenga, maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: “Tabita, haguruka!” Na we ateranura amaso, maze abonye Petero, aricara+.
21 Maze arambarara kuri nya mwana+ incuro zitatu hanyuma ahamagara Yehova, avuga ati: “Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima+ bw’uyu mwana bumugarukamwo.”
40 Mugabo Petero asohora abantu bose+, hanyuma arapfukama, arasenga, maze arahindukira araba ca kiziga, avuga ati: “Tabita, haguruka!” Na we ateranura amaso, maze abonye Petero, aricara+.