Matayo 6:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Kuko nimwababarira abantu amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira+; Mariko 11:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Kandi igihe muhagaze musenga, mubabarire+ umuntu wese ikintu cose mupfa na we; kugira ngo So ari mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.” Abanyefeso 4:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Mugabo mube abanyabuntu+ kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu+. Abakolosayi 3:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera+ uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi+, namwe nyene mugenze mutyo.
25 Kandi igihe muhagaze musenga, mubabarire+ umuntu wese ikintu cose mupfa na we; kugira ngo So ari mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.”
32 Mugabo mube abanyabuntu+ kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu+.
13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera+ uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi+, namwe nyene mugenze mutyo.