Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.
122 Naranezerewe igihe bambwira+ bati:
“Tuje+ ku nzu ya Yehova+.”
2 Ibirenge vyacu vyari bihagaze+
Mu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!
3 Yeruzalemu yubatswe nk’igisagara+
Cafatanirijwe hamwe mu bumwe+,
4 Ico imiryango yaduze igana+,
Imiryango ya Ya+,
Bwa cibutsa kuri Isirayeli+
Ku bwo gukengurukira izina rya Yehova+.
5 Kuko aho ari ho intebe z’ubwami z’uguca imanza ziteretse+,
Intebe z’ubwami z’inzu ya Dawidi+.
6 Nimusabe amahoro ya Yeruzalemu+!
Abagukunda ga wa gisagara, nta mwitwarariko bazogira+.
7 Amahoro nabandanye kuba mu gikuta cawe+,
Ntihabe umwitwarariko mu minara yawe yo kubamwo+.
8 Ku bwa bene wacu n’abagenzi banje ngira mvuge ubu+ nti:
“Nihabe amahoro iwawe+.”
9 Ku bw’inzu ya Yehova Imana yacu+
Nzoguma nkuronderera ineza+.