ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 12:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+.

  • 1 Abami 9:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze Yehova amubwira ati: “Numvise isengesho+ ryawe n’ugusaba ubutoni kwawe wasabishije ubutoni imbere yanje. Nejeje+ iyi nzu wubatse mu kuyishiramwo izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero; kandi ata gukeka amaso yanje+ n’umutima wanje bizokwama biri ng’aho+.

  • 2 Ngoma 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko Yehova abonekera+ Salomo mw’ijoro, amubwira ati: “Numvise isengesho ryawe+, kandi nitoreye+ aha hantu ngo habe inzu y’ibimazi+.

  • Zaburi 122:akajambo k’intangamarara-9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • Ururirimbo rw’Ukuduga. Ni izaburi ya Dawidi.

      122 Naranezerewe igihe bambwira+ bati:

      “Tuje+ ku nzu ya Yehova+.”

       2 Ibirenge vyacu vyari bihagaze+

      Mu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!

       3 Yeruzalemu yubatswe nk’igisagara+

      Cafatanirijwe hamwe mu bumwe+,

       4 Ico imiryango yaduze igana+,

      Imiryango ya Ya+,

      Bwa cibutsa kuri Isirayeli+

      Ku bwo gukengurukira izina rya Yehova+.

       5 Kuko aho ari ho intebe z’ubwami z’uguca imanza ziteretse+,

      Intebe z’ubwami z’inzu ya Dawidi+.

       6 Nimusabe amahoro ya Yeruzalemu+!

      Abagukunda ga wa gisagara, nta mwitwarariko bazogira+.

       7 Amahoro nabandanye kuba mu gikuta cawe+,

      Ntihabe umwitwarariko mu minara yawe yo kubamwo+.

       8 Ku bwa bene wacu n’abagenzi banje ngira mvuge ubu+ nti:

      “Nihabe amahoro iwawe+.”

       9 Ku bw’inzu ya Yehova Imana yacu+

      Nzoguma nkuronderera ineza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika