Kuvayo 20:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, wewe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, umushumba wawe canke umushumbakazi wawe canke igitungwa cawe canke kavamahanga wawe ari mu marembo yawe+. Nehemiya 13:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Mu marembo ya Yeruzalemu hakimara kwijima imbere y’uko isabato ishika, nca ntanga itegeko maze batangura kwugara imiryango+. Mvuga kandi yuko badakwiye kuyugurura gushika isabato imaze kurangira; nshira bamwe mu basuku banje ku marembo kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato+. Yeremiya 17:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimwiyubare ubwanyu+, kandi ntihagire umutwaro mutwara ku musi w’isabato ngo muwinjize muwucishije mu marembo ya Yeruzalemu+. Matayo 12:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Abafarizayo ngo babibone bamubwira+ bati: “Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+.” Luka 6:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Bamwe mu Bafarizayo baca bavuga bati: “Kubera iki muriko mukora ibitemewe+ gukorwa kw’isabato+?”
10 Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, wewe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, umushumba wawe canke umushumbakazi wawe canke igitungwa cawe canke kavamahanga wawe ari mu marembo yawe+.
19 Mu marembo ya Yeruzalemu hakimara kwijima imbere y’uko isabato ishika, nca ntanga itegeko maze batangura kwugara imiryango+. Mvuga kandi yuko badakwiye kuyugurura gushika isabato imaze kurangira; nshira bamwe mu basuku banje ku marembo kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato+.
21 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimwiyubare ubwanyu+, kandi ntihagire umutwaro mutwara ku musi w’isabato ngo muwinjize muwucishije mu marembo ya Yeruzalemu+.
2 Abafarizayo ngo babibone bamubwira+ bati: “Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+.”