Matayo 12:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Abafarizayo ngo bavyumve, bavuga bati: “Uyo muntu ntiyirukana amadayimoni bidaciye kuri Beyezebuli, umutware w’amadayimoni+.” Yohani 7:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Isinzi ryishura riti: “Wewe urimwo idayimoni*+. Ni nde ariko arondera kukwica?” Yohani 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Benshi muri bo bariko bavuga ngo: “Arimwo idayimoni+ kandi arasara. Mumwumviririza iki?” Yohani 15:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Isi niyabanka, mumenye ko yanyanse imbere y’uko ibanka+.
24 Abafarizayo ngo bavyumve, bavuga bati: “Uyo muntu ntiyirukana amadayimoni bidaciye kuri Beyezebuli, umutware w’amadayimoni+.”