Yohani 5:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera+, kandi ntaja mu rubanza, mugabo aba avuye mu rupfu akaja mu buzima+. Yohani 11:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 kandi uwuriho wese akanyizera ntazokwigera apfa+. Uremera ivyo?” 1 Abakorinto 15:54 Bibiliya y’isi nshasha 54 Mugabo iki kibora nicambara ukutabora, kandi iki gipfa kikambara ukudapfa, ni ho hazoranguka rya jambo ryanditswe ngo: “Urupfu+ ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+.” Ivyahishuwe 20:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Arahiriwe+ kandi ni mweranda+ uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, mugabo bazoba abaherezi+ b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi+.
24 Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera+, kandi ntaja mu rubanza, mugabo aba avuye mu rupfu akaja mu buzima+.
54 Mugabo iki kibora nicambara ukutabora, kandi iki gipfa kikambara ukudapfa, ni ho hazoranguka rya jambo ryanditswe ngo: “Urupfu+ ruramizwe miyonzwa gushitsa ibihe bidahera+.”
6 Arahiriwe+ kandi ni mweranda+ uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, mugabo bazoba abaherezi+ b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi+.