ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yohani 3:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Uwo yaje kuri we mw’ijoro+, amubwira ati: “Rabi+, turazi yuko uri umwigisha+ yavuye ku Mana+; kuko ata muntu ashobora gukora ivyo bimenyetso+ ukora Imana itari kumwe na we+.”

  • Yohani 5:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Mugabo jewe ndafise intahe iruta iya Yohani, kuko ibikorwa nyene Dawe yanshinze kurangura, ibikorwa ubwavyo nkora+, binshingira intahe yuko Data yantumye.

  • Yohani 10:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 Mugabo nimba ndiko ndabikora, naho mutanyemera, nimwemere ivyo bikorwa+, kugira ngo mumenye kandi mugume muzi yuko Data yunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe na we+.”

  • Yohani 14:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ntiwemera yuko nunze ubumwe na Data be n’uko Data yunze ubumwe nanje+? Ibintu ndababwira sindabivuga ndavyibwiye; mugabo Data, umwe aguma yunze ubumwe nanje, akora ibikorwa vyiwe+.

  • Ivyakozwe 2:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “Bagabo ba Isirayeli, nimwumve aya majambo: Yezu Umunyanazareti+, umugabo Imana yaberetse icese biciye ku bikorwa vy’ububasha+ n’ibitangaza n’ibimenyetso Imana yakoreye hagati yanyu+ biciye kuri we, nk’uko mwebwe ubwanyu mubizi,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika