Gusubira mu vyagezwe 34:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi+, kuko Musa yari yamurambitseko ikiganza+. Bene Isirayeli batangura kumwumviriza, baraheza bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. Ivyakozwe 8:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Maze babarambikako ibiganza+, hanyuma batangura kuronka impwemu nyeranda. Ivyakozwe 13:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Maze barisonzesha, barasenga, babarambikako ibiganza+, baraheza barabareka baragenda. Ivyakozwe 14:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Vyongeye, bagena abagabo b’inararibonye+ mw’ishengero rimwerimwe ryose ku bwabo, hanyuma barasenga bashizeko n’ukwisonzesha+, babaragiza Yehova+ uwo bari bemeye. 1 Timoteyo 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ntufate minenegwe ingabirano+ iri muri wewe, iyo wahawe biciye ku vyavuzwe imbere y’igihe+ be n’igihe inama y’abagabo b’inararibonye yakurambikako ibiganza+. 1 Timoteyo 5:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ntukarambike ibiganza+ gihutihuti ku muntu n’umwe+; eka kandi ntugafatanye n’abandi mu bicumuro vyabo+; ugume utanduye+. 2 Timoteyo 1:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ico nyene ni co gitumye ndakwibutsa gukabura nk’umuriro+ ingabirano+ y’Imana iri muri wewe biciye mu kukurambikako ibiganza vyanje+.
9 Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi+, kuko Musa yari yamurambitseko ikiganza+. Bene Isirayeli batangura kumwumviriza, baraheza bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+.
23 Vyongeye, bagena abagabo b’inararibonye+ mw’ishengero rimwerimwe ryose ku bwabo, hanyuma barasenga bashizeko n’ukwisonzesha+, babaragiza Yehova+ uwo bari bemeye.
14 Ntufate minenegwe ingabirano+ iri muri wewe, iyo wahawe biciye ku vyavuzwe imbere y’igihe+ be n’igihe inama y’abagabo b’inararibonye yakurambikako ibiganza+.
22 Ntukarambike ibiganza+ gihutihuti ku muntu n’umwe+; eka kandi ntugafatanye n’abandi mu bicumuro vyabo+; ugume utanduye+.
6 Ico nyene ni co gitumye ndakwibutsa gukabura nk’umuriro+ ingabirano+ y’Imana iri muri wewe biciye mu kukurambikako ibiganza vyanje+.