6 Mugabo Timoteyo ubu nyene arashitse iwacu avuye iwanyu+ aduha inkuru nziza y’ubwizigirwa bwanyu n’urukundo rwanyu+, avuga kandi yuko muguma mutwibukira ku bintu vyiza nantaryo, be n’uko mushashaye kutubona, egome, nk’uko natwe dushashaye kubabona+.