Umusiguzi 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo. Yeremiya 7:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Mugabo iri jambo nararibategetse koko nti: “Nimugamburuke ijwi ryanje+, maze nzoba Imana yanyu+, namwe mube abantu banje; kandi muze mugendere mu nzira+ yose nzobategeka, kugira ngo bibagendere neza+.”’ Abagalatiya 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko mu bijanye na Kristu Yezu, kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ nta kamaro bifise, igihambaye ni ukwizera+ gukoreshwa n’urukundo+. 1 Yohani 5:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko iki ari co ugukunda+ Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo+,
13 Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri+ kandi ugumye amabwirizwa yayo+. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.
23 Mugabo iri jambo nararibategetse koko nti: “Nimugamburuke ijwi ryanje+, maze nzoba Imana yanyu+, namwe mube abantu banje; kandi muze mugendere mu nzira+ yose nzobategeka, kugira ngo bibagendere neza+.”’
6 Kuko mu bijanye na Kristu Yezu, kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+ nta kamaro bifise, igihambaye ni ukwizera+ gukoreshwa n’urukundo+.
3 Kuko iki ari co ugukunda+ Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo+,