Kuvayo 16:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Nuko bene Isirayeli barya manu imyaka mirongo ine+, kugeza bashitse mu gihugu kibamwo abantu+. Manu ni yo bariye kugeza bashitse ku mupaka w’igihugu ca Kanani+. Guharura 32:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko ishavu rya Yehova rirurumbira Isirayeli, atuma bayerera mu gahinga imyaka mirongo ine+, gushika iyaruka ryose ryakora ikibi mu maso ya Yehova riherengeteye+. Gusubira mu vyagezwe 8:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije. Zaburi 95:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza+;Baransuzumye, barabona n’igikorwa canje+.
35 Nuko bene Isirayeli barya manu imyaka mirongo ine+, kugeza bashitse mu gihugu kibamwo abantu+. Manu ni yo bariye kugeza bashitse ku mupaka w’igihugu ca Kanani+.
13 Nuko ishavu rya Yehova rirurumbira Isirayeli, atuma bayerera mu gahinga imyaka mirongo ine+, gushika iyaruka ryose ryakora ikibi mu maso ya Yehova riherengeteye+.
2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije.