20 nk’uko niteze ndabishashaye+ kandi nkizigira+ yuko ntazomaramara+ mu buryo na bumwe, mugabo yuko mu mwidegemvyo wo kuvuga+ wose n’ubu Kristu azoshimagizwa nk’uko vyamye, biciye ku mubiri wanje+, haba mu kubaho canke mu gupfa+.
2 dushinze ijisho ya Mboneza+ akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge+, ari we Yezu. Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye+ igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana+.