Matayo 24:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kuko ba Kristu b’ikinyoma+ n’abahanuzi b’ikinyoma+ bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso+ n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe+. Ivyakozwe 20:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo+ azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho, 2 Petero 2:1 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka. 1 Yohani 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Bana batoyi, iyi ni yo saha ya nyuma+, kandi, nk’uko mwumvise yuko antikristu* ariko araza+, n’ubu haramaze kubaho ba antikristu benshi+; ico kikaba ari co tumenyerako yuko iyi ari yo saha ya nyuma. Ivyahishuwe 2:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 ‘Ndazi ibikorwa vyawe+, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko wagejeje+ abavuga ko ari intumwa+, mugabo atari zo, usanga ni ababeshi.
24 Kuko ba Kristu b’ikinyoma+ n’abahanuzi b’ikinyoma+ bazohaguruka, kandi bazokora ibimenyetso+ n’ibitangaza bikomeye kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe+.
29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo+ azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho,
2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka.
18 Bana batoyi, iyi ni yo saha ya nyuma+, kandi, nk’uko mwumvise yuko antikristu* ariko araza+, n’ubu haramaze kubaho ba antikristu benshi+; ico kikaba ari co tumenyerako yuko iyi ari yo saha ya nyuma.
2 ‘Ndazi ibikorwa vyawe+, n’ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe, be n’uko udashobora kwihanganira abantu babi, be n’uko wagejeje+ abavuga ko ari intumwa+, mugabo atari zo, usanga ni ababeshi.