ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 16:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Bene Isirayeli ngo babibone, batangura kubwirana bati: “Ibi ni ibiki?” Kuko batari bazi ivyo ari vyo. Musa aca ababwira ati: “Ni umukate Yehova abahaye ngo mufungure+.

  • Kuvayo 16:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Inzu ya Isirayeli ica ivyita “manu*.” Kandi vyarera nk’imbuto y’agati kitwa gadi, akanovera kavyo na ko kari nk’ak’udutsima tubase turimwo ubuki+.

  • Zaburi 78:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Iguma igwisha kuri bo manu* ngo barye+,

      Ibaha intete zo mw’ijuru+.

  • Yohani 6:51
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 51 Ni jewe mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru; nihagira uwurya kuri uwo mukate azobaho ibihe vyose; kandi vy’ukuri, umukate nzotanga ni umubiri wanje+ kugira ngo isi ironke ubuzima+.”

  • Abaheburayo 9:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ico cari gifise icotezo+ c’inzahabu be n’isandugu y’isezerano+ ikuyengejeko inzahabu hose+, ikabamwo ikarabo ry’inzahabu ririmwo manu*+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika