28 Ariko mu majuru hariho Imana ihishura amabanga+, kandi yamenyesheje Umwami Nebukadinezari ibibwirizwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+. Indoto yawe be n’ivyo weretswe mu mutwe wawe uri ku gitanda cawe, ng’ibi:
1Ivyahishuwe+ na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ ngo yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba+. Na we yatumye umumarayika wiwe+ hanyuma abishikiriza biciye kuri we mu bimenyetso+, bishikirizwa umushumba wayo* Yohani+,