2 Samweli
11 Nuko mu ntango z’umwaka+, igihe abami basanzwe basohoka ku rugamba+, Dawidi arungika Yowabu ari kumwe n’abasuku biwe na Isirayeli yose, kugira bahonye bene Amoni+ no kugira basugereze Raba+, mu gihe Dawidi yaba i Yeruzalemu.
2 Ku mugoroba Dawidi aravyuka ava ku gitanda ciwe, agendagenda hejuru ku gisenge+ c’inzu y’umwami; ari hejuru kuri nya gisenge abona+ umugore ariko yiyuhagira, kandi uwo mugore yasa neza cane+. 3 Dawidi atuma rero kubaza ivya nya mugore+ maze umuntu umwe avuga ati: “None urya si Bati-sheba+ umukobwa wa Eliyamu+, umugore wa Uriya+ Umuheti+?” 4 Inyuma y’ivyo, Dawidi atuma intumwa kumuzana+. Yinjira rero aho Dawidi ari+ maze Dawidi aryamana na we+, ico gihe uwo mugore akaba yariko yihumanura ubuhumane bwiwe+. Mu nyuma asubira ku nzu yiwe.
5 Uwo mugore aribungenga. Maze atuma kumenyesha Dawidi ngo: “Ndibungenze.” 6 Dawidi rero atuma kuri Yowabu ati: “Ndungikira Uriya Umuheti.” Yowabu aca arungika Uriya kuri Dawidi. 7 Uriya ashitse kuri Dawidi, uno atangura kumubaza amakuru ya Yowabu n’amakuru y’abantu n’amakuru y’intambara. 8 Amaherezo Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka ku nzu yawe, woge ibirenge+.” Uriya araheza arasohoka ava mu nzu y’umwami, n’ingabirano y’ubugenzi y’umwami isohoka imukurikiye. 9 Ariko Uriya aryama mu bwinjiriro bw’inzu y’umwami, hamwe n’abandi basuku b’umukama wiwe bose, ntiyamanuka ku nzu yiwe. 10 Nuko bamenyesha Dawidi bati: “Uriya ntiyamanutse ku nzu yiwe.” Dawidi aca abwira Uriya ati: “None ntiwashitse uvuye ku rugendo? Kubera iki utamanutse ku nzu yawe?” 11 Uriya aca abwira Dawidi ati: “Isandugu+ na Isirayeli na Yuda baba mu nsago kandi umukama wanje Yowabu n’abasuku b’umukama wanje+ bakambitse mu gahinga, none nanje, ninjire mu nzu yanje ndye, nywe nongere ndyamane n’umugore wanje+? Ndahiye ukubaho kwawe n’ubuzima bwawe+, singenda nkoze ico kintu!”
12 Maze Dawidi abwira Uriya ati: “Guma ng’aha n’uyu musi, ejo nzoheza nkurungike.” Uriya rero aguma i Yeruzalemu uwo musi be n’umusi ukurikira. 13 Vyongeye, Dawidi aramuhamagara kugira arire imbere yiwe no kugira anywe. Nuko aramuboreza+. Mugabo ku mugoroba arasohoka, aja kuryama ku gitanda ciwe hamwe n’abasuku b’umukama wiwe, ntiyamanuka ku nzu yiwe. 14 Mu gitondo, Dawidi yandikira ikete+ Yowabu hanyuma arirungika biciye mu kuboko kwa Uriya. 15 Muri iryo kete yari yanditse ati+: “Nimushire Uriya imbere y’ibitero bikomeye kurusha ibindi+, muheze mumuve inyuma, maze bamugarike, apfe+.”
16 Nuko mu gihe Yowabu yari acungereye igisagara, ashira Uriya ahantu yari azi ko hari abagabo b’intwari+. 17 Abagabo bo mu gisagara basohotse bakarwanya Yowabu, bamwe mu bantu, abasuku ba Dawidi, barapfa; Uriya Umuheti na we nyene arapfa+. 18 Nuko Yowabu atuma intumwa kugira ngo amenyeshe Dawidi ibijanye n’intambara vyose. 19 Ategeka kandi iyo ntumwa ati: “Ukirangiza kubwira umwami ibijanye n’intambara vyose, 20 ubushangashirwe bw’umwami nibwaduga maze akakubwira koko ati: ‘Kubera iki vyabaye ngombwa ko mwegera cane igisagara kugira ngo murwane? Ntimwari muzi ko bobarashe bari hejuru ku ruhome? 21 None ni nde yishe Abimeleki+ mwene Yerubesheti+? Mbega umugore si we yamutereyeko ingasiro+ ari hejuru ku ruhome ku buryo apfira i Tebezi+? Kubera iki none vyabaye ngombwa ko mwegera cane uruhome?’, nawe uze uvuge uti: ‘Umusavyi wawe Uriya Umuheti na we nyene yarapfuye+.’”
22 Nya ntumwa iragenda rero, ija kwiganira Dawidi ivyo Yowabu yari yamutumye vyose. 23 Maze iyo ntumwa ibwira Dawidi iti: “Nya bagabo baratunesheje, ku buryo basohoka kuturwanya mu gahinga; mugabo twagumye tubasunika gushika ku bwinjiriro bw’irembo. 24 Abarashi bagumye barasa abasuku bawe, bakabarasa bari hejuru ku ruhome+, ku buryo bamwe mu basuku b’umwami bapfa; kandi umusuku wawe Uriya Umuheti, na we nyene yarapfuye+.” 25 Dawidi aca abwira nya ntumwa ati: “Uze ubwire Yowabu uti: ‘Ico kintu ntikiboneke ko ari kibi mu maso yawe, kuko inkota mu kurya+ idatora. Niwongereze urugamba rwawe rwo kurwanya ico gisagara, ugisenyurire hasi+.’ Nawe, uze umuremeshe.”
26 Maze umugore wa Uriya yumva ko Uriya umugabo wiwe yari yapfuye, atangura rero kuborogera+ umugabo wiwe+. 27 Ikigandaro+ kirenganye, Dawidi aca atuma kumutora, bamuzana mu nzu iwe, maze aba umugore wiwe+. Mu nyuma amuvyarira umuhungu, mugabo ico kintu Dawidi yari yakoze kiboneka nabi+ mu maso+ ya Yehova.