Zaburi
Isengesho rya Dawidi.
17 Niwumve ibigororotse, Yehova we; niwumvirize akamo k’ukwinginga kwanje+;
Tega ugutwi isengesho ryanje ridatuwe n’iminwa ivuga ivy’ubuhendanyi+.
3 Wasuzumye umutima wanje, wangenduye mw’ijoro+,
Warantyoroye; uzobona yuko ata mugambi mubi nateguye+.
Akanwa kanje ntikazogabitanya+.
4 Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,
Jewe naririnze iminyuro y’umwambuzi biciye kw’ijambo ry’iminwa yawe+.
7 Nutume ibikorwa vyawe vy’ubuntu bwuzuye urukundo biba agatangaza+, ewe Mukiza w’abarondera ubuhungiro
Bahunga abagarariza ukuryo kwawe+.
Bavuganye ubwibone n’akanwa kabo+;
11 Ku bijanye n’intambuko zacu, ubu baradukikuje+;
Baguma bashinze ijisho kugira baduture hasi+.
12 Ishusho y’umubisha ni iy’intambwe ishashaye gutabagura+
Be n’iy’intambwe y’umukangara ibunze ahantu hihishije.
13 Haguruka, Yehova we; nuhangane na we amaso mu yandi+;
Mwunamike; kiza ubuzima bwanje umubisha ukoresheje inkota yawe+,