115 Twebwe nta co dufise, ewe Yehova, twebwe nta co dufise+,
Mugabo nuhe izina ryawe ubuninahazwa+
Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, nk’uko ukuri kwawe kuri+.
2 Kubera iki amahanga yovuga ngo+:
“None Imana yabo iri hehe+?”
3 Mugabo Imana yacu iri mu majuru+;
Ivyo yahimbawe no gukora vyose, yarabikoze+.
4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,
Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.
5 Umunwa birafise, mugabo ntibishobora kuvuga+;
Amaso birafise, mugabo ntibishobora kubona+;
6 Amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva+.
Izuru birafise, mugabo ntibishobora kumoterwa+.
7 Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora+.
Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka+;
Nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo+.
8 Ababikora bazomera nka vyo+,
Egome, abo bose bavyizigira+.
9 Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
10 Ewe nzu ya Aroni, nimushire ivyizigiro vyanyu muri Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
11 Mwebwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
12 Yehova ubwiwe yatwibutse; azohezagira+,
Azohezagira inzu ya Isirayeli+,
Azohezagira inzu ya Aroni+.
13 Yehova azohezagira abamutinya+,
Abato n’abahambaye+.
14 Yehova azobaha iyongerekana+,
Mwebwe n’abana banyu+.
15 Muri abahezagiwe na Yehova+,
Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.
16 Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova+,
Mugabo isi yayihaye abana b’abantu+.
17 Abapfuye ubwabo ntibashemeza Ya+,
Habe n’umwe mu bamanuka baja ahantu h’agacerere+.
18 Mugabo twebwe tuzohezagira Ya+
Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.
Shemeze Ya+!