Malaki
3 “Ehe ntumye intumwa yanje+, na yo izotunganya inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri+ azoza ku rusengero rwiwe+, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa+ y’isezerano+, iyo muhimbarirwa+. Ehe azoza koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.
2 “Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe+, kandi ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka+? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umutyorozi+ be n’isabuni+ y’umumesuzi+. 3 Azokwicara ari nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+, asukure bene Lewi+; kandi azobatosora nk’inzahabu+ n’ifeza, babere Yehova abashikiriza ishikanwa+ mu bugororotsi. 4 Kandi ishikanwa rya Yuda na Yeruzalemu rizoba irihimbara Yehova vy’ukuri+, nko mu misi yahise no mu myaka ya kera cane+.
5 “Kandi nzobegera ku bwo guca urubanza+, mbe icabona cihuta+ mu kwagiriza abapfumu+, n’abarenga ibigo+, n’abarahira ibinyoma+, n’abakorana ubugunge ku bijanye n’ingero y’umucangero+, ku bijanye n’umupfakazi+ no ku bijanye n’impfuvyi*+, be n’abigizayo kavamahanga+, kandi bakaba batantīnye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
6 “Kuko ndi Yehova; sinahindutse+. Namwe muri bene Yakobo; ntimwaherengeteye+. 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarakebeje muva ku ngingo nyobozi zanje, ntimwazigumya+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
Namwe mwavuze muti: “Tugaruke gute?”
8 “Mbega umuntu yakuwe mw’ivu yokwambura Imana? Ariko mwebwe muranyambura.”
Namwe mwavuze muti: “Twakwambuye gute?”
“Ni mu bijanye n’ivy’icumi be n’intererano. 9 Uwo muvumo murawumvuma+, jewe mukanyambura, ivyo bigakorwa n’ihanga ryose uko ryakabaye. 10 Nimuzane ivy’icumi+ vyose mu kigega, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+; enda nimungeze muri ivyo+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “murabe ko ntazobagomororera ingomero z’amajuru+, nkabacuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno+.”
11 “Nzohambarira ikiryi ku bwanyu+, kandi ntikizobononera ivyamwa vy’ubutaka, eka n’umuzabibu wo mw’itongo ryanyu ntuzorumba+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
12 “Amahanga yose azobwirizwa kubita abahirwe+, kuko muzocika igihugu c’agahimbare+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
13 “Mwamvuzeko amajambo akomeye+,” ni ko Yehova avuze.
Namwe mwavuze muti: “Ni ibiki twakuvuzeko hagati yacu+?”
14 “Mwavuze ngo: ‘Gukorera Imana nta co bimaze+. Bitwungura iki kuba twaragumije ibwirizwa ryiwe, tukagenda tujonjogoye kubera Yehova nyen’ingabo+? 15 None ubu abita imbere ni bo twita abahirwe+. Vyongeye, abakora ivy’ububisha barubatswe+. Ikigeretseko, baragejeje Imana, ariko baguma bigīra amahoro+.’”
16 Maze abatinya Yehova+ baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza+. Nuko igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe+ ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe+.
17 “Kandi bazocika abanje koko+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “umusi nzobagira inyegu idasanzwe+. Kandi nzobagirira impuhwe nk’uko umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amukorera+. 18 Namwe ntimuzobura kwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha+, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye+.”