Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya. Agahibongozo. Ni izaburi ya Asafu+. Ururirimbo.
76 Imana irazwi muri Yuda+;
Muri Isirayeli izina ryayo rirakomeye+.
2 Ubwikingo bwayo buri i Salemu+,
Aho iba na ho hakaba i Siyoni+.
3 Aho ni ho yavuniye imyampi y’umuheto yaka umuriro+,
Inkinzo n’inkota be n’urugamba+. Sela.
4 Utwikiriwe n’umuco, ukaba uri agakomeye kuruta imisozi y’ibicakirwa+.
5 Abari n’umutima urinduka banyazwe+,
Bahunyije batwarwa n’itiro+,
Kandi mu bagabo b’intwari bose nta n’umwe yaronse inguvu zo kunana+.
6 Bivuye ku guhambara kwawe, ewe Mana ya Yakobo, uwutwara umukogote be n’ifarasi vyasinziriye ubutikoma+.
7 Wewe, urateye ubwoba+,
Kandi ni nde yohagarara imbere yawe ngo arinde inkomezi z’ishavu ryawe+?
8 Wumvikanishije imburano uri mw’ijuru+;
Isi ubwayo yaratinye, iratekereza+
9 Igihe Imana yahaguruka ku bw’urubanza+,
Ngo ikize abatekereza bose bo kw’isi+. Sela.
10 Kuko ubushangashirwe bw’umuntu buzoguhaya+;
Ubushangashirwe busigaye uzobukenyera.
11 Nimuraganire indagano Yehova Imana yanyu kandi muzishitse, mwese abamukikije+.
Nibamuzanire ituro, batinya+.
12 Azocisha bugufi umutima w’indongozi+;
Arateye ubwoba ku bami bo mw’isi+.