Ivyakozwe
15 Hanyuma abantu bamwe baramanuka bavuye i Yudaya+, batangura kwigisha abavukanyi ngo: “Mutagenyerewe+ nk’uko umugenzo wa Musa uri+, ntimushobora gukizwa.” 2 Mugabo aho hamariye kuba ugucanamwo be n’uguharira kutoroshe hagati yabo na Paulo na Barunaba, bashinga yuko Paulo na Barunaba n’abandi bo muri bo baduga ku ntumwa n’abagabo b’inararibonye i Yeruzalemu+ ku vyerekeye ivyo bihari.
3 Nuko, ishengero rimaze kubaherekeza gatoyi+, abo bagabo babandanya urugendo baca i Fenisiya n’i Samariya, bigana ido n’ido uguhinduka kw’abanyamahanga+, batera akanyamuneza kenshi abavukanyi bose+. 4 Bashitse i Yeruzalemu bakirwa neza+ n’ishengero n’intumwa n’abagabo b’inararibonye, baraheza babiganira ibintu vyose Imana yari yakoze biciye kuri bo+. 5 Yamara, bamwe mu bo mu muce w’idini w’Abafarizayo bari bemeye barahaguruka mu bibanza vyabo, bavuga bati: “Ni nkenerwa kubagenyera+ no kubategeka kwubahiriza itegeko rya Musa+.”
6 Maze intumwa n’abagabo b’inararibonye bakoranira hamwe ngo barabe ivy’ico kibazo+. 7 Hamaze kuba ibihari vyinshi+, Petero arahaguruka ababwira ati: “Bagabo, bene wacu, murazi neza yuko kuva mu misi yo mu ntango Imana yahisemwo muri mwebwe yuko biciye ku kanwa kanje abanyamahanga bumva ijambo ry’inkuru nziza bakemera+; 8 kandi Imana, imwe izi umutima+, yarashinze intahe mu kubaha impwemu nyeranda+, nk’uko natwe yayiduhaye. 9 Kandi nta tandukaniro na ritoyi yagize hagati yacu na bo+, mugabo yatyoroje imitima yabo ukwizera+. 10 Ubu none, kubera iki muriko murageza Imana mu kuremeka abigishwa kw’izosi ingǒgo*+ baba ba sogokuruza canke twebwe ata washoboye kwikorera+? 11 Ahubwo riho, twizigiye gukizwa biciye ku buntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama Yezu kimwe n’abo bantu nyene+.”
12 Kuri ivyo nya bantu indiri bose baracereza, batangura kwumviriza ingene Barunaba na Paulo bigana ibimenyetso n’ibitangaza vyinshi Imana yakoze mu mahanga biciye kuri bo+. 13 Baretse kuvuga, Yakobo arishura ati: “Bagabo, bene wacu, nimunyumve+. 14 Simeyoni+ yiganye ata co asize inyuma ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo+. 15 Kandi amajambo y’Abahanuzi arahuye n’ivyo, nk’uko vyanditswe ngo: 16 ‘Inyuma y’ivyo bintu nzogaruka nongere kwubaka urusago rwa Dawidi rwatemvye; kandi nzokwongera kwubaka ibihomvagurike vyarwo nongere kuruhagarika+, 17 kugira ngo abasigaye bo mu bantu baronderane ubwira Yehova, bari kumwe n’abo mu mahanga yose, igisata citirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuga, ari na we akora ivyo bintu+ 18 bizwi kuva kera+.’ 19 Ni co gituma ingingo yanje ari iyo kutagora abo mu mahanga bariko bahindukirira Imana+, 20 ahubwo kubandikira kwirinda ivyahumanijwe n’ibigirwamana+, n’ubusambanyi+, n’ibinizwe+, n’amaraso+. 21 Kuko kuva mu bihe vya kera Musa afise mu gisagara no mu kindi abamwamamaza, kubera ko ivyo yanditse bisomwa mu masinagogi n’ijwi ryumvikana buri sabato+.”
22 Maze intumwa n’abagabo b’inararibonye hamwe n’ishengero ryose bashima kurungika i Antiyokiya abagabo batowe muri bo, bari kumwe na Paulo na Barunaba, ni bo Yuda ari we yitwa Barusaba+ be na Silasi, abagabo b’imboneza mu bavukanyi; 23 hanyuma bandika n’ukuboko kwabo bati:
“Intumwa n’abagabo b’inararibonye, abavukanyi, kuri abo bavukanyi b’i Antiyokiya+ n’i Siriya n’i Silisiya+ bo mu mahanga: Turabaramukije! 24 Kubera ko twumvise yuko hari abo muri twebwe babadurumbanishije amajambo+, bagerageza gutembagaza imitima yanyu kandi ata mabwirizwa twabahaye+, 25 twumvikanye duhurije hamwe+ maze dushima gutora abagabo tubarungikira bari kumwe n’abakundwa bacu Barunaba na Paulo+, 26 abantu bahevye ubuzima bwabo ku bw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+. 27 Turungitse rero Yuda na Silasi+, ngo na bo nyene babiganire ku munwa ivyo bintu nyene+. 28 Kuko impwemu nyeranda+ na twebwe ubwacu dushimye kutabongerako uwundi muzigo+, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: 29 kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana+, n’amaraso+, n’ibinizwe+, n’ubusambanyi+. Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu+, muzotunganirwa. Mugire amagara meza!”
30 Nuko, aho abo bantu babarekeye bakagenda, bamanuka i Antiyokiya, bakoraniriza hamwe nya bantu indiri babaha rya kete+. 31 Bamaze kurisoma, banezerezwa n’iyo ndemesho+. 32 Hanyuma Yuda na Silasi, kubera yuko na bo nyene ubwabo bari abahanuzi+, baremesha bene wacu n’insiguro nyinshi bongera barabakomeza+. 33 Nuko, bamazeyo igihe gitoyi, abavukanyi barabareka baragenda amahoro+ ku bari babatumye. 34* —— 35 Ariko Paulo na Barunaba babandanya kumara igihe i Antiyokiya+ bigisha bongera bamenyesha inkuru nziza y’ijambo rya Yehova, bari kumwe n’abandi benshi nyene+.
36 Haciye imisi mikeyi, Paulo abwira Barunaba ati: “Imbere ya vyose reka dusubireyo tugendere abavukanyi muri kimwekimwe mu bisagara twamamajemwo ijambo rya Yehova, turabe ingene bameze+.” 37 Nayo Barunaba, yari yiyemeje kujana na Yohani na we, uwitwa Mariko+. 38 Mugabo Paulo ntiyabona ko bibereye yuko bajana n’uyo, kubera ko yari yabataye kuva i Pamfiliya+ ntajane na bo ku gikorwa. 39 Haca haba ugutomboka kw’ishavu gukaze, ku buryo batandukana; hanyuma Barunaba+ ajana Mariko, bafata ubwato baja i Shipure+. 40 Paulo atora Silasi+, maze aragenda abavukanyi bamaze kumuragiza ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova+. 41 Mugabo aca i Siriya n’i Silisiya, akomeza amashengero+.