Umusiguzi
8 Ni nde ameze nk’inkerebutsi+? Kandi ni nde azi insobanuro y’ikintu+? Ubukerebutsi bw’umuntu ni bwo butuma mu maso hiwe hakayangana, mbere n’ubukari bwo mu maso hiwe bugahinduka bukamera neza+.
2 Mvuga nti: “Gumya itegeko ry’umwami+, kandi ivyo ubigire ubitumwe n’ukwitwararika indahiro y’Imana+. 3 Ntiwihute, kugira ngo uve imbere yiwe+. Ntuhagarare mu kintu kibi+. Kuko ibimuhimbara gukora vyose azobikora+, 4 kuko ijambo ry’umwami ari bwo bubasha+; kandi ni nde yomubwira ngo: ‘Ivyo ukora ni ibiki?’”
5 Uwugumya ibwirizwa ntazomenya ikintu na kimwe c’icago+, kandi umutima w’ubukerebutsi uzomenya igihe n’urubanza vyompi+. 6 Kuko ikintu cose gifise igihe caco n’urubanza rwaco+, kuko ivyago vy’abantu ari vyinshi kuri bo+. 7 Kuko ata n’umwe azi ibizoba+; kuko, ni nde ashobora kumubwira ingene bizoba?
8 Nta muntu afise ububasha ku mpwemu ngo atangire impwemu+; eka nta n’ububasha namba buhaba ku musi w’urupfu+; kandi nta n’umwe akurwako ukuja muri iyo ntambara+. Kandi ububisha ntibuzokiza ababwivobekamwo+.
9 Ivyo vyose narabibonye, ndaheza nshira umutima ku gikorwa cose cakozwe munsi y’izuba, mu kiringo umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi+. 10 Mugabo, naho ivyo ari ko biri, narabonye ababisha bahambwa+, ingene baza n’ingene bagenda bavuye ahantu heranda+, maze bakibagirwa mu gisagara bakoreyemwo ivyo+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
11 Kubera ko urubanza rwo guhasha igikorwa kibi rutashikijwe ningoga+, ni co gituma umutima w’abana b’abantu wiyemeje rwose muri bo gukora ikibi+. 12 Naho umucumuzi yokora ibibi+ incuro ijana kandi akabandanya igihe kirekire akora uko ashaka, ndazi yuko abatinya Imana y’ukuri bizobagendera neza+, kuko bayitinye+. 13 Mugabo umubisha ntibizomugendera neza na gato+, eka nta n’ubwo azorehura imisi yiwe imeze nk’igitutu+, kuko adatinya Imana+.
14 Hariho ikintu c’ubusa gikorwa kw’isi: ni uko hariho abagororotsi bashikirwa n’ibintu vyari bikwiranye n’igikorwa c’ababisha+, hakaba n’ababisha bashikirwa n’ibintu vyari bikwiranye n’igikorwa c’abagororotsi+. Navuze yuko ivyo na vyo nyene ari ubusa.
15 Nanje narakeje umunezero+, kuko ata co abantu bafise munsi y’izuba kiruta kurya no kunywa no kunezerwa, be n’uko bikwiye kubaherekeza mu gikorwa cabo c’ubutame mu misi y’ubuzima bwabo+ Imana y’ukuri yabahaye munsi y’izuba+. 16 Ku bw’ivyo nashize umutima wanje+ ku kumenya ubukerebutsi no kubona igikorwa gikorerwa mw’isi+, kuko hariho uwutabona agatiro n’amaso yiwe, haba ku murango canke mw’ijoro+.
17 Kandi narabonye igikorwa cose c’Imana y’ukuri+, ingene abantu badashobora kwubura igikorwa cakozwe munsi y’izuba+; naho abantu bakora bagatama cane barondera, ntibubura+. Kandi naho bovuga ko ari inkerebutsi bihagije kugira ngo bamenye+, ntiboshobora kwubura+.