ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 16
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Itanguriro 16:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:3
  • +It 12:16; Gl 4:25

Itanguriro 16:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 20:17
  • +It 30:3
  • +It 21:12; Ef 5:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 12-13

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2004, rup. 27

Itanguriro 16:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 30:9

Itanguriro 16:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 1:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 13-14

Itanguriro 16:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 5:21; 1Sm 24:12; Zb 43:1

Itanguriro 16:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 15:1, 18
  • +Img 29:19
  • +Img 15:12; Ums 10:4; 1Pt 2:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro ya bose),

    no. 5 2017 rup. 13-14

Itanguriro 16:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 22:11
  • +It 25:18; Kv 15:22

Itanguriro 16:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ums 10:4; Ef 6:5; Tt 2:9

Itanguriro 16:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ku rindi ni “urubuto.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:20
  • +It 25:13; 1Ng 1:29; Ef 6:8

Itanguriro 16:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 17:18
  • +Zb 22:24

Itanguriro 16:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 37:28
  • +It 21:20

Itanguriro 16:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke, “Imana imbona;” canke, “Imana yiyerekana.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:9; Img 5:21; 15:3; Heb 4:13

Itanguriro 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bisobanura ngo “Iriba ry’Uwuriho ambona.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 24:62

Itanguriro 16:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 21:9; Gl 4:24

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ita. 16:1It 15:3
Ita. 16:1It 12:16; Gl 4:25
Ita. 16:2It 20:17
Ita. 16:2It 30:3
Ita. 16:2It 21:12; Ef 5:21
Ita. 16:3It 30:9
Ita. 16:41Sm 1:6
Ita. 16:5Kv 5:21; 1Sm 24:12; Zb 43:1
Ita. 16:6Img 15:1, 18
Ita. 16:6Img 29:19
Ita. 16:6Img 15:12; Ums 10:4; 1Pt 2:20
Ita. 16:7It 22:11
Ita. 16:7It 25:18; Kv 15:22
Ita. 16:9Ums 10:4; Ef 6:5; Tt 2:9
Ita. 16:10It 17:20
Ita. 16:10It 25:13; 1Ng 1:29; Ef 6:8
Ita. 16:11It 17:18
Ita. 16:11Zb 22:24
Ita. 16:12It 37:28
Ita. 16:12It 21:20
Ita. 16:132Ng 16:9; Img 5:21; 15:3; Heb 4:13
Ita. 16:14It 24:62
Ita. 16:15It 21:9; Gl 4:24
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha
Itanguriro 16:1-16

Itanguriro

16 Kandi Sarayi, umugore wa Aburamu, ntiyari yaramuvyariye abana+; mugabo yari afise umusukukazi w’Umunyamisirikazi yitwa Hagari+. 2 Ku bw’ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ehe rero ndakwinginze! Yehova ntiyankundiye ko mvyara abana+. Ndakwinginze, uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho nomuronkako abana+.” Nuko Aburamu yumviriza ijwi rya Sarayi+. 3 Sarayi umugore wa Aburamu, afata rero Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisirikazi, haheze imyaka cumi Aburamu aba mu gihugu ca Kanani, amuha Aburamu umugabo wiwe ngo abe umugore wiwe+. 4 Nuko rero aryamana na Hagari, uno aribungenga. Amenye ko yibungenze, inabuja atangura gusuzugurika mu maso yiwe+.

5 Kuri ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ikibi ngirirwa kibe kuri wewe. Ni jewe ubwanje nashize umusukukazi wanje ku gikiriza cawe, none yamenye ko yibungenze, nca ntangura gusuzugurika mu maso yiwe. Yehova nace urubanza hagati yanje nawe+.” 6 Nuko Aburamu abwira Sarayi+ ati: “Ehe umusukukazi wawe ari mu minwe yawe. Mugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.” Maze Sarayi atangura kumutetereza ku buryo amuhunga+.

7 Mu nyuma umumarayika wa Yehova+ amusanga kw’isôko ry’amazi mu gahinga, kw’isôko ryo ku nzira ija i Shuri+. 8 Maze avuga ati: “Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?” Na we avuga ati: “Erega, ndiko mpunga Sarayi mabuja.” 9 Umumarayika wa Yehova abandanya kumubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, wicishe bugufi munsi y’ukuboko kwiwe+.” 10 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe+, ku buryo rutazoharurwa kubera ubwinshi+.” 11 Umumarayika wa Yehova yongera kumubwira ati: “Ehe uribungenze; uzokwibaruka umuhungu kandi uze umwite Ishimayeli+; kuko Yehova yumvise amarushwa yawe+. 12 Nayo we, azocika uwumeze nk’imparage. Ukuboko kwiwe kuzorwanya bose, na we arwanywe n’ukuboko kwa bose+; azoshinga ihema imbere ya bene wabo bose+.”

13 Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?” 14 Ni co gituma nya riba ryiswe Beyeri-lahayi-royi*+. Ehe riri hagati ya Kadeshi na Beredi. 15 Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu, uwo muhungu wiwe yari avyariwe na Hagari amwita Ishimayeli+. 16 Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu igihe Hagari yamuvyarira Ishimayeli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika