1 Abatesalonika
2 Mu vy’ukuri, mwebwe ubwanyu murazi, bene wacu, yuko urugendo+ twagize iwanyu rutabuze ico ruvamwo+, 2 mugabo yuko aho tumariye kubanza gucumukura+ tukongera tukagirirwa nabi+ bimwe biteye isoni i Filipi+ (nk’uko mubizi), twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire+ inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye. 3 Kuko uguhimiriza kwacu kutava ku guhuba canke ku buhumane+ canke ku buhendanyi, 4 mugabo, nk’uko twasuzumwe n’Imana ikemeza yuko tubereye kuzezwa+ inkuru nziza, ni ko tuvuga, atari nk’abashimisha+ abantu, ahubwo nk’abashimisha Imana, imwe isuzuma imitima yacu+.
5 Nkako, ntitwigeze tuza dufise amajambo aryosharyosha+ (nk’uko mubizi), canke ngo twiyerekane uko tutari+ kugira ngo tunyegeze umwina+, Imana ni yo cabona! 6 Eka mbere ntitwarondeye ubuninahazwa ku bantu+, oya, haba kuri mwebwe canke ku bandi, naho twari gushobora kubabera umuzigo uzimvye+ bwa ntumwa za Kristu. 7 Ahubwo riho, twabaye abengenga muri mwebwe, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga+ abana biwe. 8 Nuko, kubera tubafitiye ikibabarwe+, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite+, kuko mwabaye abakundwa+ kuri twebwe.
9 Nta gukeka muribuka, bene wacu, ukubira akuya n’ugucumukura kwacu. Twababwiye inkuru nziza y’Imana dukora+ ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe twikoreza umuzigo uzimvye+. 10 Muri ivyabona, n’Imana ni ukwo, vy’ingene twabonetse ko turi intahemuka n’abagororotsi n’abatagirako umugayo+ kuri mwebwe abemera. 11 Muri ubwo buryo, murazi neza ingene twagumye duhimiriza+ umwe wese muri mwebwe, nk’uko se+ agirira abana, tukabirura kandi tugashinga intahe kuri mwebwe, 12 kugira ngo mubandanye kugenda+ nk’uko bibereye Imana ibahamagarira+ ubwami+ bwayo n’ubuninahazwa bwayo.
13 Egome, ni co gituma na twebwe dukengurukira Imana ubudahengeshanya+, kubera ko igihe mwakira ijambo ry’Imana+, iryo mwumvise kuri twebwe, mwaryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu+, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana, ari ryo kandi ririko rirakorera muri mwebwe abemera+. 14 Kuko ga bene wacu mwacitse abigana amashengero y’Imana ari i Yudaya yunze ubumwe na Kristu Yezu, kubera ko na mwebwe mwatanguye gutezwa n’abo musangiye igihugu imibabaro+ nk’iyo na bo nyene bariko baratezwa n’Abayuda, 15 abishe mbere n’Umukama Yezu+ n’abahanuzi+ natwe bakaduhama+. Ikigeretseko, ntibariko bashimisha Imana, ahubwo barwanya ineza y’abantu bose, 16 kuko bashaka kutubuza+ kubwira abanyamahanga ngo na bo bakizwe+, bigatuma bama buzuza ingero+ y’ibicumuro vyabo. Mugabo uburake bwayo bwaruhiye kubazako+.
17 Nayo twebwe ga bene wacu, igihe twabwirizwa gutandukana namwe akanya gato gusa ku maso atari ku mutima, twarihase kuruta uko bisanzwe ngo tubone mu maso hanyu, tubishashaye cane+. 18 Ni co catumye dushaka kuza iwanyu, egome, jewe Paulo, rimwe eka n’irigira kabiri, mugabo Shetani yarazibiye inzira yacu. 19 Kuko, none icizigiro cacu canke akanyamuneza kacu canke urugori rwacu+ rw’ukwigina ni iki—mbega si mwebwe?—imbere y’Umukama wacu Yezu mu gihe c’ukuhaba kwiwe+? 20 Mu vy’ukuri ni mwebwe buninahazwa bwacu n’akanyamuneza kacu.