1 Timoteyo
4 Ariko ijambo ryahumetswe rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza+ bamwe bazota+ ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza+ be n’inyigisho z’amadayimoni*+, 2 bivuye ku bwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, mw’ijwi ryabo ryo mu mutima+ bakaba bameze nk’abokeshejwe icuma kirungurije; 3 bakabuza ukwabirana+, bagategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye+ ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungurane ugukenguruka. 4 Nakare, ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta co gutabwa+ iyo cakiranywe ugukenguruka+, 5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro bene wacu uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu, yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza+ wakurikiraniye hafi+. 7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma+ zisiga iceyi ibintu vyeranda zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze, ukwihebera Imana kube yo ntumbero yawe+. 8 Kuko kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike; mugabo ukwihebera Imana+ kugira akamaro kuri vyinshi+, kuko gutekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+. 9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose+. 10 Kuko ico ari co dukorera cane kandi tukihatira+, kubera ko twashingiye icizigiro+ cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa+.
11 Guma utanga aya mategeko+ wongera uyigisha+. 12 Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe+. Ahubwo, nubere akarorero+ abizigirwa+ mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura+. 13 Mu gihe ntaraza, ubandanye kwijukira ugusomera+ imbere y’abantu+, uguhimiriza, ukwigisha. 14 Ntufate minenegwe ingabirano+ iri muri wewe, iyo wahawe biciye ku vyavuzwe imbere y’igihe+ be n’igihe inama y’abagabo b’inararibonye yakurambikako ibiganza+. 15 Uzirikane ivyo bintu+; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe+ ryibonekeze ku bantu bose. 16 Wame wiyubara ubwawe+ no ku nyigisho yawe+. Ivyo ubigumemwo, kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.