Zaburi
Ni izaburi ya Dawidi.
27 Yehova ni umuco wanje+ n’ubukiriro bwanje+.
Ni nde nzotinya+?
Yehova ni we gihome gikomeye c’ubuzima bwanje+.
Ni nde nzogirira ubwoba+?
2 Igihe inkozi z’ikibi zari zegereye zimpiga ngo zirye inyama zanje+,
Abo bakaba ari abarwanizi banje be n’abansi banje ubwanje+,
Bo ubwabo baratsitaye baragwa+.
3 Naho ikambi yoshinga ihema ngo intere+,
Umutima wanje ntuzotinya+.
Naho hovyuka intambara yo kuntera+,
N’ico gihe nyene nzoguma nizigiye+.
4 Nasavye Yehova ikintu kimwe+,
Ni co nzorondera+,
Ni uko nokwibera mu nzu ya Yehova imisi yose y’ubuzima bwanje+,
Ngo nitegereze ubwiza bwa Yehova+
No kugira ngo ndabe urusengero rwiwe nikugura+.
5 Kuko azonyegeza mu bwikingo bwiwe ku musi w’ivyago+;
Azompisha ahihishije h’ihema ryiwe+;
Azonshira hejuru ku gitandara+.
6 Maze umutwe wanje uzoba hejuru cane y’abansi banje irya n’ino yanje+;
Kandi kw’ihema ryiwe nzoshikana ibimazi vy’akaruru k’umunezero+;
Nzoririmba nongere mpibongoreze Yehova+.
8 Ku bikwerekeye umutima wanje wavuze uti: “Nimurondere mu maso hanje+.”
Mu maso hawe, ewe Yehova, nzoharondera+.
Ntiwigizeyo umusavyi wawe washavuye+.
Numbere imfashanyo+.
Ntumpebe, ntunte, ewe Mana y’ubukiriro bwanje+!