91 Uwo wese yibera ahihishije+ ha Musumbavyose+
Azokwironsa uburaro mu gitutu ca Mushoboravyose+.
2 Nzobwira Yehova nti: “Uri ubuhungiro bwanje n’igihome canje gikomeye+,
Imana yanje nzokwizigira+.”
3 Kuko we ubwiwe azokurokora agukize umutego w’umutezi w’inyoni+,
Agukize ikiza giteza amarushwa+.
4 Azozibira inzira ishika aho uri akoresheje amubi yiwe+,
Kandi uzohungira munsi y’amababa yiwe+.
Ukuri kwiwe+ kuzoba inkinzo yagutse+ n’ikibambazi.
5 Ntuzotinya ikintu na kimwe giteye ubwoba mw’ijoro+,
Canke umwampi+ uguruka ku murango,
6 Canke ikiza kigendagenda mu muzimagiza+,
Canke agatikizo kanyaga ku mutaga+.
7 Igihumbi bazogwa iruhande yawe,
Ibihumbi cumi na bo iburyo bwawe;
Wewe ntibizokwegera+.
8 Uzorabisha amaso gusa+
Wibonere agahembo k’ababisha+.
9 Kubera ko wavuze uti: “Yehova ni ubuhungiro bwanje+,”
Wagize Musumbavyose ubwiwe aho uba+;
10 Nta cago kizogushikira+,
Eka nta n’ikiza kizokwegēra ihema ryawe+.
11 Kuko azoha abamarayika biwe itegeko ku bikwerekeye+,
Ngo bakurinde mu nzira zawe zose+.
12 Bazokurerura mu maboko yabo+,
Ngo ntihagire ibuye ukubitako ikirenge+.
13 Uzohonyanga intambwe y’umukangara be n’imvuvyi+;
Uzokandagira intambwe y’umukangara y’umugāra na ca kiyoka kinini+.
14 Ko yanyiyumvisemwo+,
Nanje rero nzomukiza+.
Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje+.
15 Azonyambaza, nanje ndamwishure+.
Nzobana na we mu marushwa+.
Nzomutabara, ndamuninahaze+.
16 Nzomuhaza ubwinshi bw’imisi+,
Ntume abona ubukiriro bwanje+.