Zaburi
Ku muyobozi wa Yedutuni. Agahibongozo ka Dawidi.
2 Koko, ni yo gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+;
Sinzonyiganyizwa kanini+.
3 Muzogeza ryari kugurukira ku wo mushaka kwica+?
Mwese mumeze nk’uruhome ruhengamye, uruhome rw’amabuye ruriko rurahenurwa+.
4 Koko, batanga inama kugira ngo bahendahende umuntu ngo atakaze iteka ryiwe+;
Bahimbarwa n’ikinyoma+.
Bahezagirisha akanwa kabo, mugabo muri bo bagahamagara akabi+. Sela.
6 Koko, ni we gitandara canje n’ubukiriro bwanje, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+;
Sinzonyiganyizwa+.
7 Ku Mana ni ho ubukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje biri+.
Igitandara canje gikomeye, ubuhungiro bwanje ni mu Mana+.
8 Nimuyizigire ibihe vyose, emwe bantu+!
Imbere yayo nimusuke umutima wanyu+.
Imana ni ubuhungiro bwacu+. Sela.
9 Koko, abana b’umuntu yakuwe mw’ivu ni impemu zisohotse+,
Abana b’abantu ni uruhendo+.
Iyo bashizwe ku munzane, bose hamwe bahwahutse kuruta impemu zisohotse+.