Nehemiya
12 Aba ni bo baherezi n’Abalewi baduganye na Zerubabeli+ mwene Sheyalutiyeli+ be na Yeshuwa+: Seraya, Yeremiya, Ezira, 2 Amariya+, Maluku, Hatushi, 3 Shekaniya, Rehumu, Meremoti, 4 Ido, Ginetoyi, Abiya, 5 Miyamini, Mayadiya, Biliga, 6 Shemaya+, Yoyaribu, Yedaya+, 7 Salu, Amoki+, Hilikiya, Yedaya+. Abo ni bo bari abakuru b’abaherezi na bene wabo, mu misi ya Yeshuwa+.
8 Abalewi bari Yeshuwa+, Binuwi+, Kadumiyeli+, Sherebiya, Yuda, Mataniya+, uno akaba yari ahagarikiye ivy’ugukenguruka, we na bene wabo. 9 Bakibukiya na Uni bene wabo bari babangabanganye na bo ku bijanye n’ibikorwa vy’ukurinda. 10 Yeshuwa yavyaye Yoyakimu+, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu+ na we avyara Yoyada+. 11 Yoyada yavyaye Yonatani, Yonatani na we avyara Yaduwa+.
12 Mu misi ya Yoyakimu hariho abaherezi, abakuru b’amazu ya ba sekuru+, ari bo b’aba: ku bwa Seraya+ yari Meraya; ku bwa Yeremiya yari Hananiya; 13 ku bwa Ezira+ yari Meshulamu; ku bwa Amariya yari Yehohanani; 14 ku bwa Maluki yari Yonatani; ku bwa Shebaniya+ yari Yozefu; 15 ku bwa Harimu+ yari Aduna; ku bwa Merayoti yari Helikayi; 16 ku bwa Ido yari Zekariya; ku bwa Ginetoni yari Meshulamu; 17 ku bwa Abiya+ yari Zikiri; ku bwa Miniyamini yari——*; ku bwa Mowadiya yari Pilitayi; 18 ku bwa Biliga+ yari Shamuwa; ku bwa Shemaya yari Yehonatani; 19 ku bwa Yoyaribu yari Matenayi; ku bwa Yedaya+ yari Uzi; 20 ku bwa Salayi yari Kalayi; ku bwa Amoki yari Eberi; 21 ku bwa Hilikiya yari Hashabiya; ku bwa Yedaya+ yari Netaneli.
22 Mu misi ya Eliyashibu+ na Yoyada+ na Yohanani na Yaduwa+, Abalewi banditswe bwa bakuru b’amazu ya ba sekuru, n’abaherezi nyene, gushika ku ngoma ya Dariyo Umuperesi.
23 Bene Lewi, bwa bakuru b’amazu ya ba sekuru+, banditswe mu gitabu c’ivyo muri ivyo bihe, egome, gushika mu misi ya Yohanani mwene Eliyashibu. 24 Abakuru b’Abalewi bari Hashabiya, Sherebiya+ na Yeshuwa mwene Kadumiyeli+ na bene wabo babangabanganye na bo mu gushemeza Imana no kuyikengurukira bisunze ibwirizwa+ rya Dawidi umuntu w’Imana y’ukuri, umugwi w’abarinzi ugahwana n’uwundi. 25 Mataniya+ na Bakibukiya na Obadiya na Meshulamu na Talimoni na Akubu+ bacungera ari abarinzi b’amarembo+, ukaba wari umugwi w’abarinzi wakorera hafi y’ububiko bwo ku marembo. 26 Abo bariho mu misi ya Yoyakimu+ mwene Yeshuwa+, Yeshuwa mwene Yozadaki+ no mu misi ya Nehemiya+ buramatari na Ezira+ umuherezi, umwimuzi+.
27 Mu gihe co gushikiriza+ uruhome rwa Yeruzalemu, barondera Abalewi ngo babazane i Yeruzalemu babakuye aho baba hose, kugira ngo hagirwe ishikiriza habe n’umunezero, egome, biherekejwe n’ugukenguruka+ n’ururirimbo+, be n’ukuvuza ivyuma bisāma n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+. 28 Nuko abahungu b’abaririmvyi bakoranira hamwe bavuye mu Ntara+, bavuye mu micungararo ya Yeruzalemu no mu mihana irundanye y’Abanyanetofa+, 29 n’i Beti-gilugali+ no mu turere twa Geba+ na Azimaveti+, kuko abaririmvyi bari bariyubakiye mu micungararo ya Yeruzalemu imihana irundanye+. 30 Nuko abaherezi n’Abalewi barihumanura+ hanyuma bahumanura abantu+ n’amarembo+ n’uruhome+.
31 Maze nuriza abaganwa+ ba Yuda ku ruhome. Vyongeye, nshiraho imigwi ibiri mininiminini y’abaririmvyi y’ugukenguruka+ hamwe n’imigwi yo kubakurikira, umwe ukaba wagendera iburyo ku ruhome ugana kw’Irembo ry’Ibirundo vy’Umunyota+. 32 Nuko Hoshaya n’igice c’abaganwa ba Yuda batangura kugendera inyuma yabo, 33 na Azariya na Ezira na Meshulamu, 34 na Yuda na Benyamini na Shemaya na Yeremiya; 35 be n’abo mu bahungu b’abaherezi bafise inzumbete+, ari bo Zekariya mwene Yonatani, Yonatani mwene Shemaya, Shemaya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mikaya, Mikaya mwene Zakuri+, Zakuri mwene Asafu+, 36 na bene wabo ari bo Shemaya na Azareli na Milalayi na Gilalayi na Mayayi na Netaneli na Yuda na Hanani, bafise ibicurarangisho+ vy’ururirimbo vya Dawidi umuntu w’Imana y’ukuri; Ezira+ umwimuzi yari imbere yabo. 37 Kw’Irembo ryo kw’Isôko+, batumbereye imbere yabo, baduga ku Nzira y’Ingazi+ y’Igisagara ca Dawidi+, baciye ku mudugo w’uruhome hejuru y’Inzu ya Dawidi bashika kw’Irembo ry’Amazi+, amaja mu buseruko.
38 Uwundi mugwi w’abaririmvyi wo gukengurukira+ Imana wariko ugendera imbere, nanje ndi inyuma yawo, be n’ica kabiri c’abantu, ku ruhome, hejuru ku Munara w’Amafuru y’Ukwotsa+, baragenda gushika ku Ruhome Rwagutse+, 39 no hejuru y’Irembo rya Efurayimu+ no gushika kw’Irembo ry’Igisagara ca Kera+, no gushika kw’Irembo ry’Amafi+ no ku Munara wa Hananeli+ no ku Munara wa Meya+, gushika kw’Irembo ry’Intama+; bahagarara kw’Irembo ry’Abarinzi.
40 Amaherezo iyo migwi ibiri y’abaririmvyi yo gukengurukira+ Imana ihagarara ku nzu+ y’Imana y’ukuri, na jewe nyene ndi kumwe n’ica kabiri c’ivyegera vy’abatware+, 41 n’abaherezi Eliyakimu, Mayaseya, Miniyamini, Mikaya, Eliyowenayi, Zekariya, Hananiya bafise inzumbete+, 42 na Mayaseya na Shemaya, na Eleyazari na Uzi na Yehohanani na Malikiya na Elamu na Ezeri. Kandi abaririmvyi bari kumwe na Izirahiya umucungezi baguma baririmba n’ijwi ryumvikana+.
43 Nuko kuri uwo musi bashikana ibimazi vyinshi+ kandi baranezerwa+, kuko Imana y’ukuri ubwayo yatuma banezerwa akanyamuneza kenshi+. N’abagore+ be n’abana+ baranezerwa, ku buryo umunezero wa Yeruzalemu wumvikana kure+.
44 Vyongeye, kuri uwo musi hagenwa abagabo bajejwe ivyumba+ bigenewe ububiko+, intererano+, imishuzo+, n’ivy’icumi+, kugira ngo bavyegeranirizemwo imigabane ivuye mu turere tw’ibisagara, iyo itegeko+ ryasaba guha abaherezi n’Abalewi+; kuko Yuda yari yanezerejwe n’uko abaherezi n’Abalewi+ bari ku gikorwa. 45 Nuko batangura kwitwararika ico basabwa+ n’Imana yabo be n’ico basabwa ku bijanye n’ityorora+, be n’abaririmvyi+ n’abarinzi b’amarembo+, hakurikijwe ibwirizwa rya Dawidi n’irya Salomo umuhungu wiwe. 46 Kuko mu misi ya Dawidi na Asafu, mu gihe ca kera cane, hariho abakuru b’abaririmvyi+ n’ururirimbo rwo gushemeza Imana no kuyikengurukira+. 47 Kandi Isirayeli yose, mu misi ya Zerubabeli+ no mu misi ya Nehemiya+, yaratanga imigabane y’abaririmvyi+ n’iy’abarinzi b’amarembo+ hisunzwe ivyo bakenera ku musi ku musi maze ikerezwa Abalewi+; Abalewi na bo barayereza bene Aroni.