Zaburi
2 Ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya bikwiye irya n’ino yiwe hose+;
Ubugororotsi be n’ubutungane ni vyo kibanza gishimangiye c’intebe yiwe y’ubwami+.
6 Amajuru yamenyesheje ubugororotsi bwiwe+,
Kandi ibisata vy’abantu vyose vyabonye ubuninahazwa bwiwe+.
7 Abo bose bakorera igishusho c’ikibazano ico ari co cose nibamaramare+,
Barya biratira imana ata co zimaze+.
Nimumwunamire, yemwe mwa mana mwese+!
8 Siyoni yaravyumvise itangura kunezerwa+,
Ibisagara bikukira Yuda na vyo bitangura kugira akanyamuneza+
Kubera ingingo zawe z’ubutungane, ewe Yehova+!
9 Kuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Musumbavyose hejuru y’isi yose+;
Waduze hejuru cane y’izindi mana zose+.