Yesaya
12 Kandi kuri uwo musi+ ntuzobura kuvuga uti: “Nzogukengurukira, ewe Yehova, kuko naho wandurumbiye ishavu, ishavu ryawe ryahavuye risubira inyuma+, urampoza+. 2 Raba! Imana ni yo bukiriro bwanje+. Nzokwizigira singire ubwoba+; kuko Ya* Yehova ari we nkomezi+ zanje n’ubushobozi+ bwanje, kandi yacitse ubukiriro bwanje+.”
3 Ntimuzobura kuvoma amazi mu mbizi z’ubukiriro, mwigina+. 4 Kandi kuri uwo musi muzovuga koko muti: “Nimukengurukire Yehova yemwe+! Nimwambaze izina ryiwe+. Nimumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora+. Nimuvuge yuko izina ryiwe rishizwe hejuru+. 5 Nimuhibongoreze Yehova+, kuko yakoze ibirenze+. Ivyo biramenyeshwa mw’isi yose.
6 “Niwanirize akamo, ukome akaruru k’umunezero, ewe wa mugore uba i Siyoni, kuko Umweranda wa Isirayeli ahambaye hagati muri wewe+.”