Zaburi
Ku muyobozi. Ni izaburi ya bene Kora+. Agahibongozo.
3 Akanwa kanje kazovuga ibintu vy’ubukerebutsi+,
Kandi ukuzirikana kw’umutima wanje kuzoba ku bintu vy’ugutegera+.
8 (Kandi ikiguzi c’icungurwa ry’ubuzima bwabo ni ic’agaciro cane+
Ku buryo cabuze gushika igihe kitagira urugero)
9 Kugira ngo abandanye kubaho ibihe bidahera, ntabone icobo+.
10 Kuko abona yuko n’abantu b’inkerebutsi bapfa+,
Imburabwenge n’abatiyumvira bakayogerera hamwe+,
Ibibabeshaho bagategerezwa kubisigira abandi+.
11 Mu mutima wabo ico bashaka ni uko amazu yabo yokwamaho gushika igihe kitagira urugero+,
Amataberenakulo yabo akamaho iyaruka ku rindi+.
Amatongo yabo bayitiriye amazina yabo+.
12 Yamara umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, ntashobora kugumaho+;
Vy’ukuri, yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+.
14 Bagenewe ukuzimu nk’intama+;
Urupfu ni rwo ruzobaragira+;
Abagororotse bazobaganza mu gitondo+,
Kandi imibiri yabo izobwirizwa gusanguka+;
Umwe wese agenewe ukuzimu, aho kugenerwa uburaro buhanitse+.
16 Ntutinye ngo ni uko umuntu aronse ubutunzi+,
Ngo ni uko ubuninahazwa bw’inzu yiwe bwongerekanye+,
17 Kuko iyo apfuye ata na kimwe ashobora kujana+;
Ubuninahazwa bwiwe ntibuzomanukana na we+.