Amosi
9 Nabonye Yehova ahagaze hejuru y’igicaniro+, araheza avuga ati: “Kubita umutwe w’inkingi, aminjiriro atigite. Zigegene ku mitwe, zose+. Abasigaye bo muri bo nzobicisha inkota. Nta wo muri bo agerageza guhunga azoshobora guhunga ngo akire, kandi nta wo muri bo agerageza gucika kw’icumu azoshobora kuyanyaga+. 2 Nibimba bakaja mu kuzimu*, ukuboko kwanje kuzobakurayo+; kandi nibaduga mu majuru, nzobamanurayo+. 3 Nibinyegeza kw’isonga rya Karumeli, nzobaronderayo nitonze nshirwe ndabafashe+. Nibihisha amaso yanje hasi mu kiyaga+, nzotegekerayo inzoka, ibakomore. 4 Nibajanwa kugirwa imbohe bashorewe n’abansi babo, nzotegekerayo inkota, ibice+; kandi nzobashinga ijisho ku bw’inabi, atari ku bw’ineza+. 5 Umukama Segaba, Yehova nyen’ingabo*, ni We akora ku gihugu, kigashonga+; kandi abakibamwo bose bazobwirizwa kugandara+; kandi ntikizobura kuduga cose nka Nili, kikadwibira nka Nili yo mu Misiri+.
6 “‘Umwe yubaka ingazi ziwe mu majuru+, akubaka n’inyubakwa yiwe hejuru y’isi yashizeho+, umwe ahamagara amazi y’ikiyaga+, ngo ayasuke ku buringanire bw’isi+—Yehova ni ryo zina ryiwe+.’
7 “‘Mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi, ga yemwe bene Isirayeli?’ ni ko Yehova avuze. ‘Mbega sinaduganye Isirayeli nkayikura mu gihugu ca Misiri+, n’Abafilisitiya+ nkabakura i Kirete, na Siriya nkayikura i Kiri+?’
8 “‘Raba! Amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura+, kandi azobuzimanganya koko ku buringanire bw’ubutaka+. Yamara rero, sinzozimanganya buhere inzu ya Yakobo+,’ ni ko Yehova avuze. 9 ‘Kuko ehe ndatanze itegeko; nzonyiganza inzu ya Isirayeli mu mahanga yose+, nk’uko umuntu anyiganza ikiyunguruzo, ku buryo hatagira n’akabuye kagwa hasi. 10 Bazokwicishwa inkota, abacumuzi bose bo mu bantu banje+, abavuga ngo: “Ivyago ntibizotwegera canke ngo bishike aho turi+.”’
11 “‘Kuri uwo musi nzovyura+ urusago+ rwa Dawidi rwatemvye+, nzibire n’ibihengeri vyabo. Ibihomvagurike vyarwo nzobivyura, ndarwubake nko mu misi ya kera+, 12 kugira ngo bigarurire ibisigaye vyo kuri Edomu+, be n’amahanga yose izina ryanje ryambarijwemwo+,’ ni ko Yehova avuze, ari na we akora ivyo.
13 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Yehova avuze: ‘umurimyi azohamvya umwimbuzi+, n’uwuganisha ibirenge inzabibu ahamvye uwikorera imbuto+; imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+, n’imirambi yose isange iriko irashonga+. 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’
15 “‘Nzobateragira koko ku butaka bwabo, kandi ntibazokwongera kurandurwa ku butaka bwabo nabihereye+,’ ni ko Yehova Imana yawe avuze.”