Hoseya
10 “Isirayeli ni umuzabibu uriko urononekara+. Aguma yama ivyamwa vyiwe bwite+. Yagwije ibicaniro vyiwe akurikije ubwinshi bw’ivyamwa vyiwe+. Bahagaritse inkingi nziza bakurikije ivyiza vy’igihugu ciwe+. 2 Umutima wabo wabaye uwiyorobeka+; ubu rero bazokwagirwa n’icaha.
“Hari uwuzomenagura ibicaniro vyabo; azonyaga inkingi zabo+. 3 Kuko ubu bazovuga bati: ‘Nta mwami dufise+, kuko tutatinye Yehova. Ubundi ho umwami azotumarira iki?’
4 “Baravuga amajambo, bakarahira indahiro z’ikinyoma+, bagasezerana isezerano+; kandi urubanza rwanaze nk’igiterwa c’ubumara mu mirongo y’ubusizi yo mu mirima+. 5 Ababa i Samariya bazogira ubwoba kubera inyana y’ikigirwamana y’i Beti-aveni+; kuko abantu bayo bazoyigandarira koko, be n’abaherezi b’imana z’inyamahanga bayo bahora bayinezerererwa, kubera ubuninahazwa bwayo, kuko izoba yagiye mu bunyagano kure yabo+. 6 Mbere ico kigirwamana, hari uwuzokijana i Ashuri ngo kibe ingabirano y’umwami ahambaye+. Ibimaramare ni vyo Efurayimu azoronka+, kandi Isirayeli izomaramazwa n’inama yayo+. 7 Samariya n’umwami wiwe bazonumishwa ata kabuza+, nk’agashami kavunywe kareremba ku mazi. 8 Kandi ibibanza bikirurutse* vya Beti-aveni+, igicumuro ca Isirayeli+, bizozimanganywa koko. Amahwa n’ibitovu+ bizomera ku bicaniro vyabo+. Abantu bazobwira vy’ukuri imisozi bati: ‘Nimudupfuke!’, babwire n’imirambi bati: ‘Nimutugweko+!’
9 “Wacumuye+ kuva mu misi ya Gibeya+, ewe Isirayeli! Aho ni ho bǎhagaze. I Gibeya, intambara yo kurwanya abana b’ibitagororotse, bano ntiyashoboye kubahamvya+. 10 Ninavyipfuza rwose nzobatoza indero+. Kandi ibisata vy’abantu ntibizobura gukoranywa ngo bibarwanye nibaboherwa ku makosa yabo abiri+.
11 “Efurayimu yari ishashi y’inka yamenyerejwe, yakunda gukubita intete+; nanje naciye kw’izosi ryiwe ryiza. Ntuma umuntu agendera kuri Efurayimu+. Yuda ararima+, Yakobo agasiza+. 12 Nimwibibire imbuto mu bugororotsi+; mushwabure nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo buri+. Nimwirimire isi ndimwa+, hakiriho umwanya wo kurondera Yehova, gushika aje+ akabaha amabwirizwa mu bugororotsi+.
13 “Mwarimye ububisha+. Ibitagororotse ni vyo mwashwabuye+. Mwariye ivyamwa vy’ubuhendanyi+, kuko wizigiye inzira yawe+, ukizigira ubwinshi bw’abanyenkomezi bawe+. 14 Haradutse intureka mu bantu bawe+, kandi ibisagara vyawe bikingijwe ibihome bizonyagwa vyose+, nk’uko Shalumani yanyaze inzu ya Arubeli, ku musi w’intambara igihe basābiriza inabibondo iruhande y’abana biwe+. 15 Ukwo ni ko muzogirirwa, ewe Beteli, kubera ububi bwanyu bw’akaburarugero+. Mu mutwenzi, umwami wa Isirayeli azonumishwa ata gukeka+.”