2 Abakorinto
3 Mbega twongeye gutangura kwishimagiza ubwacu+? Canke kumbure nk’uko bamwebamwe bashaka, mbega twirirwa turakenera amakete+ adushimagiza kuri mwebwe canke avuye kuri mwebwe? 2 Mwebwe nyene ni mwe kete ryacu+, ryanditswe ku mitima yacu, rizwi kandi risomwa n’abantu bose+. 3 Kuko muboneka ko muri ikete rya Kristu ryanditswe na twebwe abasuku+, ritandikishijwe irangi, ahubwo ryandikishijwe impwemu+ y’Imana nzima, atari ku bisate vy’amabuye+, ahubwo ku bisate vy’inyama, ku mitima+.
4 Biciye kuri Kristu rero ni ho dufise mwene ukwo kujijuka+ ku Mana. 5 Si uko twebwe ku bwacu ari ho dukwije neza ibisabwa ngo hagire ico tubona ko kiva kuri twebwe+, ahubwo ugukwiza neza ibisabwa kwacu kuva ku Mana+, 6 yo yatugize koko abakwije neza ibisabwa kugira tube abasuku b’isezerano rishasha+, atari ab’amategeko yanditse+, ahubwo b’impwemu+; kuko ya mategeko yanditse aca urwo gupfa+, mugabo impwemu ikagira umuntu muzima+.
7 Vyongeye, nimba ya mategeko atanga urupfu+ kandi yasáruwe mu ndome mu mabuye+ yazananye ubuninahazwa+, ku buryo bene Isirayeli batashobora kwitegereza mu maso ha Musa kubera ubuninahazwa bwo mu maso hiwe+, ubuninahazwa bwabwirizwa gukurwaho, 8 kubera iki itangwa ry’impwemu+ ritorushiriza kugira ubuninahazwa+? 9 Kuko nimba ya mategeko atanga ugutsindwa n’urubanza+ yari n’ubuninahazwa+, itangwa ry’ubugororotsi+ ryoryo rirarushiriza kugwiza ubuninahazwa+. 10 Nkako, mbere n’icari carigeze kugirwa ic’ubuninahazwa carambuwe ubuninahazwa muri ivyo+, kubera ubuninahazwa bukirengeye+. 11 Kuko nimba icabwirizwa gukurwaho cazananywe ubuninahazwa+, ikigumaho coco corushirije kugira ubuninahazwa+.
12 Ko rero dufise mwene ico cizigiro+, turakoresha umwidegemvyo wo kuvuga, 13 tutagira nka ca gihe Musa yashira icitwikiro+ mu maso hiwe, kugira ngo bene Isirayeli ntibitegereze iherezo+ rya kimwe cabwirizwa gukurwaho. 14 Ariko ububasha bwabo bwo kwiyumvira bwarapfushe+. Kuko gushika uyu musi nya citwikiro nyene kigumaho igihe hasomwa isezerano rya kera+, kubera ko gikurwaho biciye kuri Kristu+. 15 Nkako, gushika uno musi, igihe cose ivyanditswe na Musa bisomwe+, icitwikiro kiguma ku mitima yabo+. 16 Mugabo iyo habaye uguhindukirira Yehova, ico citwikiro kirakurwaho+. 17 Yehova rero ni we Mpwemu+; kandi aho impwemu+ ya Yehova+ iri, ni ho haba umwidegemvyo+. 18 Kandi twese+, mu gihe twerekana nk’ivyirore ubuninahazwa bwa Yehova+ dufise mu maso hadatwikiriye, turahindurwa+ muri nya shusho nyene+ tukava mu buninahazwa tukaja mu buninahazwa+, neza na neza nk’uko bigirwa na Yehova+ we Mpwemu.