Gucura intimba
א [Alefu]
2 Ewe kuntu Yehova mw’ishavu ryiwe atwikirije ibicu umukobwa wa Siyoni+!
Yararirije kw’isi+ ubwiza bwa Isirayeli+ abukuye mw’ijuru.
Ntiyibutse intebe y’ibirenge vyiwe+ ku musi w’ishavu ryiwe.
ב [Beti]
2 Yehova yarokeje ahantu ho kuba+ ha Yakobo, nta na hamwe yagiriye impuhwe.
Mu burake bwiwe yasambuye ibibanza bikingijwe ibihome+ vy’umukobwa wa Yuda.
ג [Gimelu]
3 Yakondoye ihembe ryose rya Isirayeli+ yarunguriye n’ishavu.
Yasubije inyuma ukuryo kwiwe agukura imbere y’umwansi+;
Kandi muri Yakobo aguma yaka nk’umuriro ururumba watongoye irya n’ino+.
ד [Daleti]
4 Yashinze ikirenge ku muheto wiwe nk’umwansi+. Ukuryo kwiwe+ kwafashe ikibanza
Nk’umurwanizi+, kandi yagumye yica abaryoheye ijisho bose+.
Yasutse ubushangashirwe bwiwe mw’ihema+ ry’umukobwa wa Siyoni, nk’umuriro+.
ה [Heʼ]
5 Yehova yabaye nk’umwansi+. Yamize miyonzwa Isirayeli+.
Yamize miyonzwa iminara yo kubamwo yiwe yose+; yahoneje ibibanza vyiwe bikingijwe ibihome+.
Kandi agwiza mu mukobwa wa Yuda ukugandara n’ugucura intimba+.
ו [Vau]
6 Amerera nabi urusago rwiwe+ nk’aho rwoba ari urwo mu murima+. Yahoneje umusi mukuru+ wiwe.
Yehova yatumye umusi mukuru n’isabato vyibagirana muri Siyoni,
Mu misibo yiwe yuzuye ishavu, ntiyubaha umwami n’umuherezi+.
ז [Zayini]
7 Yehova yashibuye igicaniro* ciwe+. Yiyamye aheranda hiwe+.
Yatanze mu kuboko kw’umwansi impome z’iminara yiwe yo kubamwo+.
Bumvikanishije ijwi ryabo mu nzu ya Yehova, nko ku musi mukuru+.
ח [Heti]
8 Yehova yiyumviriye guhonya uruhome+ rw’umukobwa wa Siyoni.
Yaramvuye ikamba yo gupimisha+. Ntiyasubije inyuma ukuboko kwiwe ngo areke kumira+.
Atuma igikuta n’uruhome bigandara+. Vyayamiye rimwe.
ט [Teti]
9 Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.
Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.
Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+.
י [Yodi]
Abigeme b’isugi ba Yeruzalemu bunamitse umutwe gushika hasi+.
כ [Kafu]
11 Amaso yanje yarangiriye mu mosozi+. Amara yanje ariko aradobangana+.
Igitigu canje casutswe hasi+, kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+,
Kubera abana be n’abonka barabiye mu bibanza vya bose vyo mu gisagara+.
ל [Lamedi]
12 Bagumye babwira ba nyina bati: “Intete n’umuvinyu biri hehe+?”
Kuko bari baravye nk’uwiciwe mu bibanza vya bose vyo mu gisagara,
Kuko ubuzima bwabo bwariko bucuranurirwa mu gikiriza ca ba nyina.
מ [Memu]
13 Uzombera icabona mu biki? Nzokugereranya n’iki ga mukobwa wa Yeruzalemu+?
Nzokunganisha n’iki, kugira ndaguhoze, ga wa mukobwa w’isugi wa Siyoni+?
Kuko ugusenyuka kwawe+ ari kunini nk’ikiyaga. Ni nde yogukiza+?
נ [Nuni]
14 Abahanuzi bawe bwite beretswe ku bijanye nawe ibintu bitagira akamaro kandi bitamara ipfa+,
Ntibashize ahabona ikosa ryawe kugira bakubuze kuja kugirwa imbohe+,
Mugabo bagumye berekwa ku bijanye nawe amajambo atagira akamaro kandi azimiza+.
ס [Sameki]
15 Abahita ku nzira bose bakubise amashi ku yandi baguhema+.
Bavugije agahwa+ kandi baguma bazungiriza umutwe+ umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati:
“Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: ‘Ni ubwiza butagira akanenge, umwigino w’isi yose+’?”
פ [Peʼ]
16 Abansi bawe bose bakwasamiye+.
Bavugije agahwa, baguma bahekenya amenyo+. Bavuze ngo: “Tuzomumira miyonzwa+.
Ni ukuri uwu ni wo musi twari twiteze+. Turawuronse! Turawubonye+!”
ע [ʽAyini]
17 Yehova yakoze ivyo yari yiyumviriye+. Yashikije ivyo yavuze+,
Ivyo yari yarategetse kuva mu misi ya kera+. Yasambuye, ntiyagira impuhwe+.
Kandi atuma umwansi anezerwa ku bikwerekeye+. Yashize hejuru ihembe ry’abarwanizi bawe+.
צ [Tsade]
18 Umutima wabo watakambiye Yehova+, ewe ruhome rw’umukobwa wa Siyoni+!
Reka amosozi atembe nk’uruzi rw’isumo umurango n’ijoro+.
Ntutimbe. Imbone y’ijisho ryawe ntireke kurira.
ק [Kofu]
19 Haguruka! Anīra mw’ijoro, mu ntango y’amaterama+ yo mu gatondo.
Suka umutima wawe+ nk’amazi imbere y’amaso+ ya Yehova.
Duza ibiganza+ uvyerekeza kuri we kubera ubuzima bw’abana bawe,
Bariko barabikwa n’ikigoyi mw’ihuriro ry’amabarabara yose+.
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, witegereze+ uwo wamereye nabi gutya.
Mbega abagore babandanye kurya icamwa cabo, abana bavukanye amagara meza+,
Canke umuherezi n’umuhanuzi bicirwe aheranda ha Yehova+?
ש [Sini]
21 Agahungu n’umutama+ baryamye hasi kw’ivu ryo mu mabarabara+.
Abigeme banje b’isugi n’imisore yanje bagwishijwe n’inkota+.
Wabishe ku musi w’ishavu ryawe+. Warabakereye+; ntiwagize impuhwe+.
ת [Tau]