Gucura intimba
א [ʼAlefu]
3 Ndi umuntu w’umugabo yabonye amarushwa+ kubera ikibando c’uburake bwiwe.
2 Ni jewe yayoboye, ancisha mu mwiza, atari mu muco+.
3 Emwe, ni jewe aguma abangurira ukuboko bukarinda bwira+.
ב [Beti]
4 Yatumye umubiri wanje n’urushato rwanje bishira+. Yavunaguye amagufa yanje+.
5 Yubatse irya n’ino yanje, kugira ankikuze+ igiterwa c’ubumara+ be n’amagume.
6 Yanyicaritse ahantu h’umwiza+ nk’abantu bapfuye kera+.
ג [Gimelu]
7 Yanzibiye impande zose nk’aho akoresheje uruhome rw’amabuye, kugira sinsohoke+. Yatumye amapingu yanje y’umujumpu+ aremera.
8 Vyongeye, iyo ndamutakambiye, nkamutabaza, aratangira koko isengesho ryanje+.
9 Yazibije inzira zanje amabuye abajwe+. Yagoramitse amabarabara yanje+.
ד [Daleti]
10 Amereye nk’idubu ibunze+, nk’intambwe iri mu bwihisho+.
11 Yadabanganije inzira zanje, kandi angira ahantu h’ikirare. Yampinduye umusaka+.
12 Yashinze ikirenge ku muheto wiwe+, aranshinga ngo mbe ico umwampi wiwe ugema+.
ה [Heʼ]
13 Yanyinjije mu mafyigo abana b’umutana wiwe+.
14 Nahindutse agatwengo+ ku bantu bose bandwanya; ni jewe bavuga mu ruririmbo rwabo bukarinda bwira+.
15 Yampagije ibintu birura+. Yanyujuje ibamba+.
ו [Vau]
16 Avunaguza amenyo yanje urucekeri+. Yatumye nituna mu minyota+.
17 Vyongeye, uranshibura bigatuma umutima wanje ubura amahoro. Naribagiye iciza ico ari co+.
18 Nguma mvuga nti: “Ubutore bwanje bwayogeye, be n’ivyo niteze biva kuri Yehova+.”
ז [Zayini]
19 Ibuka amarushwa yanje n’ukuba ntagira aho mba+, wibuke ibamba n’igiterwa c’ubumara+.
20 Emwe, uzokwibuka, wuname unshikire+.
21 Ivyo ni vyo nzokwibutsa umutima wanje+. Ni co gituma nzoguma ndindiriye+.
ח [Heti]
22 Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo+ vya Yehova ni vyo vyatumye tudaherengetera+, kuko imbabazi ziwe zitazogenda ziheze+.
23 Zama ari nshasha buri gitondo+. Ubwizigirwa bwawe ni bwinshi+.
24 Navuze nti: “Yehova ni we muturi wanje+, ni co gituma nzoguma ndamurindiriye+.”
ט [Teti]
25 Yehova ni mwiza ku wumwizigira+, ku wuguma amurondera+.
26 Ni vyiza ko umuntu arindira+ ubukiriro bwa Yehova+, egome, akarindira acereje+.
27 Ni vyiza ko umuntu w’umugabo yikorera ingǒgo* mu buto bwiwe+.
י [Yodi]
28 Niyicare ari wenyene kandi agume acereje+, kuko yamushizeko ikintu+.
29 Nashire umunwa mu mukungugu+. Kumbure hariho icizigiro+.
30 Nahe itama ryiwe uwumukubita+. Nahage iceyi+.
כ [Kafu]
31 Kuko Yehova atazoshibura gushika igihe kitagira urugero*+.
32 Kuko naho yateje intuntu+, atazobura no kugira imbabazi, nk’uko ubwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buri+.
33 Kuko atateje amarushwa abana b’abantu abikuye ku mutima, eka kandi ntabatuntuza abikuye ku mutima+.
ל [Lamedi]
34 Kujanjagurira munsi y’ibirenge+ imbohe zose zo kw’isi+,
35 Kugoreka urubanza rw’umuntu w’umugabo mu maso ya Musumbavyose+,
מ [Memu]
37 Ni nde none yavuze ngo ikintu kibe kandi Yehova ubwiwe atabitegetse+?
38 Mu kanwa ka Musumbavyose ntihavamwo ibibi n’ivyiza+.
39 Umuntu muzima ashobora ate kuja mu vyo kwidoga+, umuntu w’umugabo akidoga kubera igicumuro ciwe+?
נ [Nuni]
40 Duserangure inzira zacu, tuzigendure+, maze tugaruke kuri Yehova+.
41 Umutima wacu tuwudugirize rimwe n’ibiganza vyacu ku Mana mu majuru+, tuvuge duti:
42 “Twebwe twaracumuye, twaragararije+. Wewe, ntiwatubabariye+.
ס [Sameki]
43 Wazibije ishavu inzira ishika iwawe+, kandi uguma udukurikirana+. Warishe; ntiwagize impuhwe+.
44 Wazibije ibicu inzira ishika kuri wewe+, kugira ngo isengesho ntirirengane+.
45 Utugira imicafu n’umwanda hagati mu bisata vy’abantu+.”
פ [Peʼ]
46 Abansi bacu bose baratwasamiye+.
47 Ubwoba n’icobo vyabaye ivyacu+, umusaka n’ugusenyuka+.
48 Ijisho ryanje riguma ritemba imigezi y’amazi kubera ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje+.
ע [ʽAyini]
51 Ijisho ryanje ryamereye nabi+, kubera abakobwa bose b’igisagara canje+.
צ [Tsade]
52 Emwe, abansi banje bampize nka kurya bahiga inyoni+, kandi ata gituma+.
53 Banumirije ubuzima bwanje mu kinogo+, kandi baguma bantera amabuye.
54 Amazi yatembeye ku mutwe wanje+. Navuze nti: “Nzorandurwa ata kabuza+!”
ק [Kofu]
55 Ewe Yehova, nasemereye izina ryawe ndi mu cobo co hasi cane+.
56 Ntuzobura kwumva ijwi ryanje+. Ntunyegeze ugutwi kwawe ugutaka kwanje nsaba ko nduhurirwa, ntukunyegeze ugutabaza kwanje+.
57 Waregereye ku musi naguma ndaguhamagara+. Wavuze uti: “Ntutinye+.”
ר [Reshi]
58 Ewe Yehova, warifatiye mu minwe imburano zanje+. Waracunguye ubuzima bwanje+.
59 Ewe Yehova, warabonye inabi nagiriwe+. Enda nuhagarikire urubanza rwanje+.
60 Warabonye uguhōra kwabo kwose, ivyiyumviro vyabo vyose vyo kungirira nabi+.
ש [Sini] canke [Shini]
61 Warumvise agacokoro kabo, ewe Yehova, ivyiyumviro vyabo vyose vyo kungirira nabi+,
62 Iminwa y’abankurira hasi+ be n’ubwongoshwe bwabo bwo kungirira nabi bukarinda bwira+.
63 Niwitegereze igihe bicaye n’igihe bahagurutse+. Ni jewe bavuga mu ruririmbo rwabo+.
ת [Tau]
64 Uzobasubiriza mu nkoko, ewe Yehova, ibihwanye n’igikorwa c’amaboko yabo+.
65 Uzobaha ukutisonera kw’umutima+, ari wo muvumo ubavumye+.
66 Uzobakurikirana ushavuye, ubazimanganye+ munsi y’amajuru ya Yehova+.