Zaburi
Ku muyobozi. Agahibongozo ka Dawidi.
6 Ndanka koko abitaho ibigirwamana bitagira akamaro, bitagira mvura+;
Nayo jewe, Yehova ni we nizigira+.
7 Nzonezererwa ubuntu bwuzuye urukundo bwawe, bumpimbare+,
Kuko wabonye amarushwa yanje+;
Wamenye amagorwa y’umutima wanje+,
9 Ngirira ubutoni, Yehova we, kuko ngeze habi+.
Kubera umwikomo ijisho ryanje ribaye goyigoyi+, umutima wanje n’inda yanje+.
10 Kuko ubuzima bwanje burangiriye mu ntuntu+,
Imyaka yanje na yo ikarangirira mu kuniha+.
Kubera ikosa ryanje ububasha bwanje bwatsitaye+,
Kandi amagufa yanje ubwayo asigaye ari goyigoyi+.
11 Kuri abo bose banyanka+, nsigaye ndi iceyi+,
Ku babanyi banje na ho birarushiriza+,
Nsigara ndi agacavutu ku bo twari tuzinanyi+.
Bambonye hanze, barampunga+.
12 Cokimwe n’umuntu yapfuye agahanagurika mu mutima, nibagiwe+;
Nsigaye ndi nk’icombo cononekaye+;
13 Kuko numvise inkuru mbi ivugwa na benshi+,
Ivutu rigakwira impande zose+.
Iyo barundaniye hamwe nk’umuntu umwe ngo bandwanye+,
Bategura umugambi wo gukuraho ubuzima bwanje+.
15 Ibihe vyanje biri mu kuboko kwawe+.
Nundokore unkize ukuboko kw’abansi banje be n’abankurikirana+.
16 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+.
Nunkize kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+.
19 Ewe kuntu ukumera neza kwawe ari kwinshi+, ukwo wabikiye muri ntibate abagutinya+,
Ukwo wagiriye abahungira muri wewe,
Imbere y’abana b’abantu+.
20 Uzobahisha ahihishije ho mu maso hawe+
Kure y’abantu birema akagwi+.
Uzobanyegeza mu rusago rwawe, kure y’ugutongana kw’indimi+.
22 Nayo jewe, igihe nata umutwe navuze+ nti:
“Nta kabuza ndatikizwa mve mu maso yawe+.”
Ni ukuri warumvise ijwi ry’amajambo y’ukwinginga kwanje igihe nagutabaza+.