Ku muyobozi, kuri Yedutuni. Ni izaburi ya Asafu+. Agahibongozo.
77 Nzoririra Imana ubwayo n’ijwi ryanje+,
Ndirire Imana n’ijwi ryanje, na yo ntizobura kuntega ugutwi+.
2 Ku musi w’amarushwa yanje narondeye Yehova ubwiwe+.
Mw’ijoro ukuboko kwanje kwararamvuwe kandi ntigutimba;
Umutima wanje wanse guhozwa+.
3 Nzokwibuka Imana, nsebagirike+;
Nzogira amaganya, ngo umutima wanje udendebukirwe+. Sela.
4 Wafashe ibigohe vyanje uragumya+;
Nahagaritse umutima, kandi sinshobora kuvuga+.
5 Niyumviriye imisi ya kera+,
Imyaka yo mu bihe vya kera bitagira urugero.
6 Nzokwibuka umuziki wanje w’umurya mw’ijoro+;
Nzogira amaganya n’umutima wanje+,
Kandi umushaha wanje uzorondera uvyitondeye.
7 Mbega Yehova azoguma ashibura gushika igihe kitagira urugero+,
Ntiyongere gushimishwa+?
8 Mbega ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe bwaraheze buhere+?
Mbega ijambo ryiwe ryahindutse ubusa+ uko iyaruka rikurikira irindi?
9 Mbega Imana yaribagiye kugira ubutoni+,
Canke yoba yarugaye imbabazi zayo kubera ishavu+? Sela.
10 Mbega ngume mvuga nti: “Iki ni co kinsogota+:
Ihinduka ry’ukuryo kwa Musumbavyose+”?
11 Nzokwibuka ibikorwa vya Ya+;
Kuko nzokwibuka ivyo wagize kera bitangaje+.
12 Emwe, nzozirikana igikorwa cawe cose+,
Kandi ivyo ukora ni vyo nzokwitwararika+.
13 Ewe Mana, inzira yawe iri ha hantu heranda+.
Ni nde Mana ihambaye nkawe ga Mana+?
14 Ni wewe Mana y’ukuri, ukora ibitangaje+.
Mu bisata vy’abantu wamenyesheje inkomezi zawe+.
15 Ukoresheje ukuboko kwawe, wagarukanye abantu bawe+,
Bene Yakobo na bene Yozefu. Sela.
16 Amazi yarakubonye, ewe Mana,
Amazi yarakubonye; yatanguye kugira ububabare bukaze+.
Mbere, inyenga z’amazi zatanguye guhinda agashitsi+.
17 Ibicu vyarindimuye amazi mu kwotoroka nk’umuturagaro+;
Ibirere vyuzuye ibicu vyarekuye ijwi.
Mbere, imyampi yawe yanyuragiranye irya n’ino+.
18 Ijwi ry’umuturagaro wawe ryari rimeze nk’amakurudumu y’umukogote+;
Imiravyo yabonesheje ubutaka bwimbuka+;
Isi yahinze agashitsi, itangura gutigita+.
19 Inzira yawe yaca mu kiyaga+,
Umunyuro wawe ugaca mu mazi menshi;
Kandi amakanda yawe ntiyamenyekanye.
20 Wayoboye abantu bawe nk’umukuku+,
Biciye ku kuboko kwa Musa na Aroni+.