Nahumu
1 Ijambo ryamenyeshejwe kuri Ninewe+: Igitabu c’ivyo Nahumu Umwelikoshi yeretswe:
2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.
3 Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+; Yehova nta ho azoreka guhana+.
Inzira yiwe iri mu muyaga utema ugatongora no mu kirura, ibicu ni vyo ntumo itumurwa n’ibirenge vyiwe+.
4 Ahambarira ikiyaga+, akagikamya; yumisha inzuzi zose+.
Bashani na Karumeli birakabiranye+, n’ishurwe rya Libani rirakabiranye.
5 Imisozi iratigise kubera we, n’imirambi irashonze+.
Isi izosebagirika kubera mu maso hiwe; n’ubutaka bwimbuka buzosebagirika, be n’ababa kuri bwo bose+.
6 Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+? Kandi ni nde ashobora guhangara ishavu ryiwe rirurumba+?
Emwe, ubushangashirwe bwiwe buzosukwa nk’umuriro+, kandi ibitandara bizositurirwa hasi kubera we.
7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye+ ku musi w’amarushwa+.
Arazi abaronderera ubuhungiro muri we+.
8 Azotikiza ahantu hiwe* biciye ku mwuzure w’amazi usendanisha+, kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe+.
9 Ni ibiki muzokwiyumvira kugirira Yehova+? Aratikiza ntihagire igisigara.
Amarushwa ntazoza ubugira kabiri+.
10 Naho bariko basobanywa nk’amahwa+ kandi bakaba baborewe nk’ababorejwe n’inzoga yabo y’ingano+, ntibazobura kuyigizwa nk’ibishakara vyumye neza+.
11 Muri wewe hazova uwiyumvira kugirira nabi Yehova+, agapfundika ibitagira ikimazi+.
12 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Naho boba ata co bahajije kandi benshi bakaba bameze gutyo, ivyo ntibizobuza ko barandurwa+; hari uwuzoca muri bo. Nzoguteza amarushwa, ku buryo ntazosubira kuguteza amarushwa+. 13 Ubu rero nzovuna ingǒgo yiwe yo gutwarako ibintu ikuveko+, ncagagure n’imizana iri kuri wewe+. 14 Kandi Yehova yategetse ku bikwerekeye ati: ‘Nta citirirwa izina ryawe kizosubira kubibwa+. Nzorandura mu nzu y’imana zawe igishusho c’ikibazano n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+. Nzogutegurira imva+, kuko ata co wamaze.’
15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”