Yobu
6 Yobu arishura ati:
2 “Ese iyaba umwikomo+ wanje wopimwa wose,
Ico gihe nyene n’amarushwa yanje agashirwa ku munzane!
3 Kuko ubu aremereye mbere kuruta imisenyi y’ibiyaga.
Ni co gituma amajambo yanje abaye uguhoromboka+.
4 Kuko imyampi ya Mushoboravyose iri kumwe nanje+,
Ubwayi bwayo akaba ari bwo umutima wanje uriko uranywa+;
Ivy’agacavutu bivuye ku Mana vyitondetse ngo bindwanye+.
6 Mbega ibitagira akanovera vyoribwa ata munyu,
Canke hari akanovera kari mu mutobe urenduka w’umusarenda?
7 Umutima wanje wanse gukora ku kintu na kimwe.
Bimeze nk’ibifungurwa biteza indwara.
8 Ese iyaba ivyo nsaba vyoza
Kandi Imana igashitsa icizigiro canje!
10 Mbere na vyo nyene vyombera uruhoza;
Kandi notamba ngatarika+ mu bubabare bwanje bumeze nk’ubw’ibise,
Naho ata mpuhwe yoba igize, kuko ntanyegeje amajambo+ ya wa Mweranda+.
11 Ububasha bwanje ni iki, ngo ngume ndindiriye+?
Kandi iherezo ryanje ni iki, ngo ngume ndehura ubuzima bwanje?
12 Mbega ububasha bwanje bubaye ubw’amabuye?
Canke inyama zanje zibaye iz’umujumpu?
13 Mbega ni uko ukwirwanako kutari muri jewe,
N’igikorwa c’ingirakamaro kikaba cankuweko?
15 Benewacu barahemutse+, nk’uruzi rw’isumo rwo mu rushana,
Nk’umuhora w’inzuzi z’isumo zo mu rushana zihita.
18 Iminyuro y’inzira yazo ikeberezwa ahandi;
Ziraduga zikaja mu gahinga zikayonga.
20 Baramaramaye vy’ukuri kuko bari bafise icizigiro;
Barashitse na nya hantu nyene, bataha zirayoye+.
22 Mbega ni uko navuze nti: ‘Nimumpe ikinaka,
Canke muntangire impano ku bubasha bwanyu,
23 Munkize ukuboko kw’umurwanizi+,
Kandi muncungure mu kuboko kw’intwazamukazo+’?
26 Mbega ukunegura amajambo ni kwo mugīra imigambi,
29 Garuka, ndabinginze, ntihabe ukutagororoka,
Ni ukuri, nimugaruke, ubugororotsi bwanje buracarimwo+.
30 Mbega hariho ukutagororoka ku rurimi rwanje,
Canke amagage yanje ntamenya amarushwa?