Zakariya
13 “Kuri uwo musi+, inzu ya Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba+ ryo kubuhagira igicumuro+ be n’ikintu co kuzinukwa+.
2 “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzorandura amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa; abahanuzi+ be n’impwemu y’ubuhumane nzobizimanganya mu gihugu+. 3 Kandi nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye ntibazobura kumubwira bati: ‘Ntubandanya kubaho, kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.’ Maze se na nyina bamuvyaye bazomutobekeranya kubera ukuvuga ubuhanuzi kwiwe+.
4 “Kuri uwo musi abahanuzi bazomaramara+, umwe wese amaramazwe n’ivyo yeretswe niyavuga ubuhanuzi; kandi ntibazokwambara impuzu y’ibango ifise ubwoya+ kugira bahende abantu. 5 Azovuga koko ati: ‘Sindi umuhanuzi. Ndi umuntu w’umwirimizi, kuko umuntu yakuwe mw’ivu yangize umukozi wiwe kuva mu buto bwanje.’ 6 Maze bazomubwira bati: ‘Izo nguma ziri ku bitugu vyawe ni iz’iki?’ Na we azovuga ati: ‘Ni izo nakomerekeye mu nzu y’abankunda rwinshi.’”
7 “Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+, egome, umuntu w’umugabo mugenzanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Kubita umwungere+ intama zo mu mukuku zisabagire+; kandi sinzobura kugarukana ukuboko kwanje ku z’inkengerwa+.”
8 “Mu gihugu cose,” ni ko Yehova avuze, “ibice bibiri muri co bizorandurwa bipfe+, ariko igice kigira gatatu kizosigazwa muri co+. 9 Ico gice kigira gatatu nzogicisha mu muriro+; emwe, nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza+, ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+. Na co kizokwambaza izina ryanje, nanje ndacishure+. Nzovuga nti: ‘Ni abantu banje+,’ na co kivuge giti: ‘Yehova ni Imana yanje+.’”