Yobu
39 “Mbega warashoboye kumenya igihe cashinzwe impene zo mu misozi zo ku rutare zivyarirako+?
Woba witegereza igihe impongokazi zivyarana+ imisonga?
3 Zirunama igihe zihinda abana bazo ngo bazivemwo,
Igihe zīkiza imisonga.
4 Abana bazo bacika ab’inguvu, bagakurira mu gahinga;
Barigira, ntibagaruke kuri zo.
5 Ni nde yarekuye imparage+ ngo yidegemvye,
Kandi ni nde yatekuruye imizana y’indogobwa y’inyeshamba,
6 Iyo nashingiye ikiyaya c’ubugaragwa ngo kibe inzu yayo,
Nkayishingira igihugu c’umunyu+ ngo kibe ahantu iba?
10 Mbega wobohesha ishūri y’inyeshamba imigozi yayo mu murongo w’ubusizi,
Canke yosiza+ ibiyaya vyo hasi inyuma yawe?
11 Mbega woyizigira ngo ni uko ifise ububasha bwinshi,
Kandi woyihebera igikorwa cawe gicumukuza?
12 Mbega woyizigira ngo iragarukana imbuto yawe
Kandi ngo iregeraniriza ku mbuga yawe y’ikubitiro?
13 Mbega ibaba ry’ikinyoni citwa imbuni c’ikigore ryaratababije rinezerewe,
Canke coba gifise ivyubi vy’agasoza+ be n’amoya?
14 Kuko gihebera amagi yaco hasi,
Mu mukungugu akaba ari ho kiyasusurukiriza,
15 Kikibagira yuko ikirenge gishobora kuyafyonyora
Canke ko igikoko co mu gahinga gishobora kuyahonyora.
18 Igihe gikubita amababa yaco hejuru,
Kiratwenga ifarasi n’uwuyigenderako.
23 Umutana ugenda ujegera kuri yo,
Icuma c’icumu be n’ikobero.
24 Igenda ihondagura ibinono yarakaye ikanzaganya isi,
Kandi ntiyemera yuko ari ijwi ry’inzamba.
25 Ijwi ry’inzamba rikira kuvuga, na yo iti: Ahaa!
Ikiri kure iramoterwa n’urugamba,
Intureka y’abakuru be n’akaruru k’intambara+.
26 Mbega ugutegera kwawe ni kwo gutuma agaca karārūka mu kirere,
Kagasanza amababa yako ku muyaga wo mu bumanuko?