2 Abakorinto
9 Ku vyerekeye rero ubusuku+ bugirirwa aberanda, ntibikenewe ko nirirwa ndabandikira, 2 kuko nzi umutima ukunze mufise, uwo nirata ku Banyamakedoniya ku biberekeye, yuko intara ya Akaya ubu imaze umwaka yiteguye+, kandi umwete wanyu warakabuye benshi muri bo. 3 Mugabo ndungitse bene wacu, kugira ngo muri ivyo ukwirata kwacu ku vyerekeye mwebwe ntikuboneke ko ari ukw’ubusa, mugabo kugira ngo mube abiteguye vy’ukuri+, nk’uko nahora ndabivuga. 4 Ahandiho, hamwe Abanyamakedoniya bozanana nanje bagasanga mutiteguye, twebwe—si ukuvuga mwebwe—hari ukuntu twoteterwa muri uku gushira amazinda kwacu. 5 Niyumviriye rero ko ari nkenerwa kuremesha bene wacu kuza iwanyu hakiri kare ngo bategure hakiri kare ingabirano yanyu itanzwe ata kwitangira itama mwari mwarasezeranye+, gutyo ibe iteguwe bwa ngabirano itanzwe ata kwitangira itama, ntibe nk’ikintu kinyazwe+.
6 Mugabo muri ivyo, uwubiba isorosoro+ azoshwabura isorosoro; uwubiba vyinshi+ na we azoshwabura vyinshi. 7 Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo+ canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe+.
8 Vyongeye, Imana irashoboye kugwiza kuri mwebwe ubuntu ata wari abukwiriye bwayo bwose, kugira ngo naho mwama mufise ibibakwiye muri vyose, mugire vyinshi ku bw’igikorwa ciza cose+. 9 (Nk’uko vyanditswe ngo: “Yaratanze cane, yarahaye aboro, ubugororotsi bwiwe bubandanya ibihe bidahera+.” 10 Umwe rero avotororera umubivyi imbuto n’umukate wo kurya+ azotanga yongere agwize imbuto kugira ngo mubibe, kandi azokwongereza ivyimburwa vy’ubugororotsi bwanyu+.) 11 Muri vyose muriko muratungishwa kubera ubutanzi bwa cane bw’ubwoko bwose, biciye kuri twebwe bukaba buzana ugukengurukira Imana+; 12 kuko ubusuku bw’ico gikorwa gikorerwa abantu atari gusa kuronsa cane aberanda ivyo bakeneye+, mugabo ni n’ukuba abatunzi mu gukengurukira Imana kwinshi. 13 Biciye ku kimenyamenya ubu busuku butanga, baraninahaza Imana kubera yuko muyobokera inkuru nziza yerekeye Kristu+, nk’uko muvyatura icese, no kubera yuko muri abatanzi ba cane mu kuntu mubaha intererano mukaziha n’abandi bose+; 14 kandi baratakamba ku bwanyu bashashaye kubabona kubera ubuntu buhebuje+ bw’Imana buri kuri mwebwe.
15 Hashimirwe Imana ku bw’ingabirano yayo ya gusa itagira uko yovugwa+.