Yobu
42 Maze Yobu arishura Yehova, ati:
2 “Ndamenye ko ushobora gukora vyose+,
Kandi nta ciyumviro utoshobora gushikako+.
3 ‘Uyo ni nde apfukiranya impanuro ata bumenyi+?’
Erega naravuze, ariko ntategera
Ibintu vy’agatangaza bindengeye ntazi+.
5 Numvise ivyawe ku matwi,
Ariko ubu ijisho ryanje rirakubonye koko.
7 Yehova amaze kubwira Yobu ayo majambo, Yehova abwira Elifazi Umutemani ati:
“Ishavu ryanje rirakururumbiye wewe na bagenzawe babiri+, kuko mutamvuzeko ivy’ukuri+ nk’uko umusavyi wanje Yobu yagize. 8 Ubu rero nimwitorere amashūri indwi n’impfizi z’intama indwi+ muheze muje ku musavyi wanje Yobu+, mushikane ku bwanyu ikimazi giturirwa; kandi Yobu umusavyi wanje ubwiwe arabasabira+. Ni we gusa nza kwemera kugira sindabakorere ubusazi bw’agaterasoni, kuko mutamvuzeko ivy’ukuri, nk’uko umusavyi wanje Yobu+ yagize.”
9 Elifazi Umutemani na Biludadi Umushuhi na Zofari Umunayamati baraheza baragenda, bakora nk’uko nyene Yehova yari yababwiye; nuko Yehova aremera ugutakamba* kwa Yobu.
10 Yehova abohora Yobu+ mu mvuto igihe yasabira bagenziwe+, maze Yehova yongera guha Yobu ivyari ivyiwe, abigwiza kabiri+. 11 Hanyuma bene wabo bose na bashikiwe bose n’abari bamuzi bose baguma baza+, batangura gusangira na we umukate+ mu nzu yiwe no gusangira na we umubabaro no kumuhoza ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamuzako; umwe wese amuha ihera, kandi umwe wese amuha impeta y’inzahabu.
12 Nayo Yehova ahezagira+ iherezo rya Yobu mu nyuma kuruta intango yiwe+, ku buryo agira intama ibihumbi cumi na bine, n’ingamiya ibihumbi bitandatu, n’inka ibihumbi bibiri zifatanijwe ari zibirizibiri, be n’indogobwa igihumbi z’ingore. 13 Agira n’abahungu indwi n’abakobwa batatu+. 14 Umukobwa wa mbere amwita Yemima, uwa kabiri amwita Keziya, uwa gatatu na we amwita Kereni-hapuki. 15 Kandi nta bagore beza nk’abakobwa ba Yobu baboneka mu gihugu cose. Maze se abaha intoranwa muri basaza babo+.
16 Inyuma y’ivyo Yobu abandanya kubaho imyaka ijana na mirongo ine+, arabona abahungu biwe n’abuzukuru biwe+: amayaruka ane. 17 Yobu arateba arapfa, yisaziye kandi ahaze imisi+.