Guharura
21 Buno Umunyakanani, umwami wa Aradi+, uwaba muri Negebu+, yumva yuko Isirayeli yari izananye inzira ya Atarimu; atangura rero kurwana na Isirayeli maze ajana bamwe muri bo ari imbohe. 2 Nuko rero Isirayeli iraganira indagano Yehova iti+: “Niwatanga koko aba bantu mu kuboko kwanje, nanje nzotikiza ibisagara vyabo ata kabuza+.” 3 Yehova yumviriza rero ijwi rya Isirayeli, atanga Abanyakanani; nuko barabatikiza, bo n’ibisagara vyabo. Ku bw’ivyo aho hantu bahita Horuma+.
4 Bakibandanya kugenda bavuye ku musozi Horo+ baciye mu nzira y’ikiyaga Gitukura kugira ngo bazunguruke igihugu ca Edomu+, abantu batangura kuruhishwa n’urugendo. 5 Kandi abantu baguma bavuga nabi Imana+ na Musa+ ngo: “Kubera iki mwatuduganye mudukuye mu Misiri kugira dupfire mu gahinga+? Kuko ata mukate n’amazi bihari+, kandi dusigaye twarazinutswe uyu mukate ugayitse+.” 6 Nuko Yehova arungika inzoka z’ubumara+ mu bantu, ziguma zikomora abantu, ku buryo abantu benshi ba Isirayeli bapfa+.
7 Amaherezo abantu baza kuri Musa, bavuga bati: “Twacumuye+, kuko twavuze nabi Yehova na wewe. Takambira Yehova adukureko izi nzoka+.” Nuko Musa aratakamba ku bw’abantu+. 8 Maze Yehova abwira Musa ati: “Niwihingurire inzoka y’ubumara*, uyishire ku gikingi c’ikimenyetso. Uku ni ko biza kugenda: umuntu niyakomorwa, aze rero kuyiraba, gutyo agume ari muzima+.” 9 Ako kanya Musa ahingura inzoka y’umujumpu+ araheza ayishira kuri nya gikingi c’ikimenyetso+; nuko mu gihe inzoka yaba iriye umuntu hanyuma agahanga amaso+ nya nzoka y’umujumpu, yaca aguma ari muzima+.
10 Inyuma y’ivyo bene Isirayeli baragenda hanyuma bakambika i Oboti+. 11 Maze baragenda bavuye i Oboti hanyuma bakambika i Iye-abarimu+, mu gahinga kari imbere ya Mowabu, iyo izuba rirasira. 12 Bava ng’aho baragenda hanyuma bakambika iruhande y’umwonga wa Zeredi+. 13 Bava ng’aho baragenda hanyuma bakambika mu karere ka Arunoni+, akari mu gahinga kava ku mupaka w’Abamori; kuko Arunoni ari urubibe rwa Mowabu, ruri hagati ya Mowabu n’Abamori. 14 Ni co gituma bivugwa mu gitabu c’Intambara za Yehova ngo:
“Vahebu muri Sufa n’imyonga ya Arunoni, 15 be n’umunwa w’imyonga, uwiheteye amaja ku cicaro ca Ari+ kandi ukaba wegamiye umupaka wa Mowabu.”
16 Bava ng’aho baja i Beyeri+. Iryo ni ryo riba Yehova yabwiye Musa ku biryerekeye ati: “Koranya abantu, ndabahe amazi+.”
18 Iriba, abaganwa bararyimvye. Abanyacubahiro b’abantu bararyimburuye,
N’inkoni ya kizigenza+, n’inkoni zabo bwite.”
Hanyuma bava mu gahinga baja i Matana. 19 Hanyuma bava i Matana baja i Nahaliyeli, maze bava i Nahaliyeli baja i Bamoti+. 20 Hanyuma bava i Bamoti baja mu mubande uri mu karere ka Mowabu+, kw’isonga rya Pisiga+ rihanamye riraba imbere ya Yeshimoni+.
21 Nuko Isirayeli ituma intumwa kuri Sihoni+ umwami w’Abamori, iti: 22 “Ndeka ndengane nciye mu gihugu cawe. Ntituzokebereza mw’itongo canke mu murima w’imizabibu. Ntituzonywa amazi y’iriba na rimwe. Tuzogendera mu nzira y’umwami gushika turenganye akarere kawe+.” 23 Sihoni ntiyemerera Isirayeli guca mu karere kiwe+, mugabo Sihoni akoranya abantu biwe bose maze asohoka guhura na Isirayeli mu gahinga, ashika i Yahazi+ hanyuma atangura kurwana na Isirayeli. 24 Nuko Isirayeli imukubitisha ubugi bw’inkota+ maze yigarurira igihugu ciwe+ kuva kuri Arunoni+ gushika kuri Yaboki+, hafi ya bene Amoni; kuko Yazeri+ ari umupaka wa bene Amoni+.
25 Gutyo Isirayeli ifata ivyo bisagara vyose, maze Isirayeli itangura kuba mu bisagara vyose vy’Abamori+, i Heshiboni+ no mu bisagara bihakukira vyose. 26 Kuko Heshiboni cari igisagara ca Sihoni+. Uno yari umwami w’Abamori+, kandi ni we yarwanye n’umwami wa Mowabu kera, agakura igihugu ciwe cose mu kuboko kwiwe gushika kuri Arunoni+. 27 Ni co gituma abavuga amajambo ndyoshamvugo y’agahemo wasanga bavuga ngo:
“Ingo i Heshiboni.
Igisagara ca Sihoni nicubakwe kandi kibe igihamangiye.
28 Kuko umuriro wavuye i Heshiboni+, urubeya rukava mu gisagara ca Sihoni.
Rwayigije Ari+ h’i Mowabu, bene ibibanza bikirurutse* vya Arunoni.
29 Uragowe Mowabu! Ntimuzobura kuzimangana, yemwe bantu ba Kemoshi+!
Ntazobura gutanga abahungu biwe nk’abarokotse, n’abakobwa biwe ngo bagirwe imbohe ku mwami w’Abamori, Sihoni.
30 Reka rero tubarase.
Heshiboni ntazobura kuzimangana gushika i Diboni+,
N’abagore gushika i Nofa, abagabo gushika i Medeba+.”
31 Nuko Isirayeli itangura kuba mu gihugu c’Abamori+. 32 Maze Musa atuma bamwe gutata Yazeri+. Nuko bafata ibisagara bihakukira bongera bomora Abamori bariyo+. 33 Inyuma y’ivyo barahindukira, badugana inzira ya Bashani+. Ogi+ umwami wa Bashani aca arasohoka guhura na bo, we hamwe n’abantu biwe bose, mu rugamba rw’i Edireyi+. 34 Nuko Yehova abwira Musa ati: “Ntumutinye+, kuko ntazobura kumutanga mu kuboko kwawe, we n’abantu biwe bose n’igihugu ciwe+; uze umugirire nk’uko wagiriye Sihoni, umwami w’Abamori, uwahora aba i Heshiboni+.” 35 Nuko bamwicana n’abahungu biwe n’abantu biwe bose, gushika n’aho adasigarana n’umwe acitse kw’icumu+; hanyuma bigarurira igihugu ciwe+.