ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 35
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya 35:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:34; 2Ng 36:5; Dn 1:1

Yeremiya 35:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:15; 1Ng 2:55

Yeremiya 35:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 31:11
  • +1Ng 9:17; Ezr 2:42; Neh 7:45

Yeremiya 35:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:15; 1Ng 2:55
  • +Ums 5:4

Yeremiya 35:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 20:12; Ef 6:3

Yeremiya 35:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:19
  • +Img 6:20

Yeremiya 35:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:15; 1Ng 2:55
  • +Yr 35:8

Yeremiya 35:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:6; Dn 1:1
  • +Yr 4:5

Yeremiya 35:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 5:29; Yr 6:8; 7:3; 9:12; 32:33

Yeremiya 35:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:15; 1Ng 2:55
  • +Yr 35:8
  • +2Ng 36:15; Yr 7:13; 25:3
  • +Neh 9:26, 30; Yes 30:9; Yr 7:24

Yeremiya 35:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 7:25; 25:4
  • +Yes 1:16; Yr 4:14; 25:5; Ezk 18:30; Hs 14:1; Zk 1:3
  • +Yr 7:3; 18:11
  • +Gus 31:18; Yr 44:5
  • +Gus 30:20; Yos 14:1; Yr 7:7
  • +2Ng 36:16

Yeremiya 35:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 2:55
  • +Yr 35:8
  • +Yes 1:3; Yr 11:8

Yeremiya 35:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:15; 29:27; Yos 23:15; 2Bm 23:27; Yr 15:3; Mik 3:12
  • +Img 1:24; Yes 65:12; 66:4; Yr 7:13; 26:5; 32:33

Yeremiya 35:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 10:15
  • +Kv 20:12; Gus 5:16

Yeremiya 35:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 5:5; Yr 15:19; Lk 21:36
  • +Ef 6:3; Kl 3:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Yeremiya, rup. 159-161

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 35:12Bm 23:34; 2Ng 36:5; Dn 1:1
Yer. 35:22Bm 10:15; 1Ng 2:55
Yer. 35:42Ng 31:11
Yer. 35:41Ng 9:17; Ezr 2:42; Neh 7:45
Yer. 35:62Bm 10:15; 1Ng 2:55
Yer. 35:6Ums 5:4
Yer. 35:7Kv 20:12; Ef 6:3
Yer. 35:8It 18:19
Yer. 35:8Img 6:20
Yer. 35:102Bm 10:15; 1Ng 2:55
Yer. 35:10Yr 35:8
Yer. 35:112Ng 36:6; Dn 1:1
Yer. 35:11Yr 4:5
Yer. 35:13Gus 5:29; Yr 6:8; 7:3; 9:12; 32:33
Yer. 35:142Bm 10:15; 1Ng 2:55
Yer. 35:14Yr 35:8
Yer. 35:142Ng 36:15; Yr 7:13; 25:3
Yer. 35:14Neh 9:26, 30; Yes 30:9; Yr 7:24
Yer. 35:15Yr 7:25; 25:4
Yer. 35:15Yes 1:16; Yr 4:14; 25:5; Ezk 18:30; Hs 14:1; Zk 1:3
Yer. 35:15Yr 7:3; 18:11
Yer. 35:15Gus 31:18; Yr 44:5
Yer. 35:15Gus 30:20; Yos 14:1; Yr 7:7
Yer. 35:152Ng 36:16
Yer. 35:161Ng 2:55
Yer. 35:16Yr 35:8
Yer. 35:16Yes 1:3; Yr 11:8
Yer. 35:17Gus 28:15; 29:27; Yos 23:15; 2Bm 23:27; Yr 15:3; Mik 3:12
Yer. 35:17Img 1:24; Yes 65:12; 66:4; Yr 7:13; 26:5; 32:33
Yer. 35:182Bm 10:15
Yer. 35:18Kv 20:12; Gus 5:16
Yer. 35:19Zb 5:5; Yr 15:19; Lk 21:36
Yer. 35:19Ef 6:3; Kl 3:20
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
Bibiliya y’isi nshasha
Yeremiya 35:1-19

Yeremiya

35 Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye kuri Yehova mu misi ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, riti: 2 “Genda ku nzu y’Abarekabu+, uvugane na bo maze ubazane mu nzu ya Yehova, muri kimwe mu vyumba vy’uburiro; uheze ubahe umuvinyu banywe.”

3 Ntora rero Yayazaniya mwene Yeremiya, Yeremiya mwene Habaziniya na bene wabo, n’abahungu biwe bose, n’urugo rwose rw’Abarekabu, 4 ndabazana mu nzu ya Yehova, mu cumba c’uburiro+ ca bene Hanane mwene Igidaliya, umuntu w’Imana y’ukuri, icari iruhande y’icumba c’uburiro c’abaganwa cari hejuru y’icumba c’uburiro ca Mayaseya mwene Shalumu+ umurinzi w’umuryango. 5 Maze nshira imbere y’abahungu b’inzu y’Abarekabu ibikombe vyuzuye umuvinyu be n’amakalisi hanyuma ndababwira nti: “Nimunywe umuvinyu.”

6 Mugabo bavuga bati: “Nta muvinyu tunywa, kuko Yonadabu mwene Rekabu+, sogokuruza wacu, ari we yadutegetse ati: ‘Ntimuze munywe umuvinyu, yaba mwebwe canke abahungu banyu, gushika igihe kitagira urugero+. 7 Kandi ntimuze mwubake inzu canke ngo mubibe imbuto; ntimuze mutere umurima w’imizabibu canke ngo ubegukire. Mugabo muze mube mu mahema imisi yanyu yose, kugira ngo mubandanye kubaho imisi myinshi ku buringanire bw’ubutaka mubayeko muri ba kavamahanga+.’ 8 Turabandanya rero kugamburuka ijwi rya Yehonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu mu vyo yadutegetse vyose+, mu kutanywa umuvinyu imisi yacu yose, twebwe, abagore bacu, abahungu bacu n’abakobwa bacu+, 9 no mu kutubaka amazu tubamwo, kandi nta murima w’imizabibu canke itongo canke imbuto bitwegukira. 10 Kandi turabandanya kuba mu mahema, no kugamburuka, no gukora twisunze ivyo Yonadabu+ sogokuruza wacu yadutegetse vyose+. 11 Mugabo igihe Nebukadirezari umwami wa Babiloni yaduga gutera igihugu+, twavuze duti: ‘Nimuze twinjire muri Yeruzalemu kubera inteko za gisirikare z’Abakaludaya no kubera inteko za gisirikare z’Abasiriya, maze tube i Yeruzalemu+.’”

12 Nuko ijambo rya Yehova riza kuri Yeremiya riti: 13 “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Genda ubwire abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu uti: “Mbega ntimwagumye muhimirizwa kugamburuka amajambo yanje+?”, ni ko Yehova avuze. 14 “Amajambo ya Yehonadabu mwene Rekabu+ yarashikijwe, ayo yategetse abana biwe, yo kutanywa umuvinyu, kandi nta wo banyoye gushika n’uyu musi, kuko bagamburutse ibwirizwa rya sekuruza wabo+. Ariko jewe narababwiye, nkazinduka nkavuga+, mugabo ntimwangamburukiye+. 15 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose, abahanuzi+, nkazinduka nkabatuma, nti: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese ave mu nzira yiwe mbi+, kandi ibikorwa vyanyu mubigire vyiza+, kandi ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere+. Maze mubandanye kuba ku butaka nabahaye, mwe na ba sogokuruza banyu+.’ Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize+. 16 Mugabo bene Yehonadabu mwene Rekabu+ barashikije ibwirizwa rya sekuruza wabo, iryo yabategetse+; ariko aba bantu bo ntibanyumvirije+.”’”

17 “Ibi rero ni vyo Yehova, Imana nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ehe ngira nzane kuri Yuda no ku baba i Yeruzalemu bose ivyago vyose nabavuzeko+, kuko nababwiye mugabo ntibumviriza, nkaguma ndabahamagara mugabo ntibanyitabe+.’”

18 Yeremiya abwira inzu y’Abarekabu ati: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Ko mwagamburutse ibwirizwa rya Yehonadabu+ sogokuruza wanyu, mukabandanya kugumya amabwirizwa yiwe yose no gukora mwisunze ivyo yabategetse vyose+, 19 ibi rero ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Ntihazobura umugabo wo kuri Yonadabu mwene Rekabu wo kwama ahagarara+ imbere yanje+.”’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika