1 Abakorinto
3 Nuko rero, bene wacu, sinashoboye kubabwira nk’uwubwira abantu b’impwemu+, mugabo nk’uwubwira abantu b’umubiri, nk’uwubwira inzoya+ muri Kristu. 2 Nabagaburiye amata, si ico kurya+, kuko mutari bwakomere bihagije. Mbere n’ubu ntimukomeye bihagije+, 3 kuko mukiri ab’umubiri+. None ko hari ishari n’ugushihana muri mwebwe+, mbega ntimuri ab’umubiri mukaba kandi mugenda nk’uko abantu bagenda+? 4 None ko umwe avuga ngo: “Jewe ndi uwa Paulo,” uwundi ngo: “Jewe ndi uwa Apolo+,” mbega ntimuri abantu buntu?
5 None Apolo+ ni iki? Nkako, Paulo ni iki? Ni abasuku+ vyaciyeko kugira mube abemera, nk’uko Umukama yahaye umwe wese. 6 Jewe narateye+, Apolo aravomera+, mugabo Imana yaguma ikuza+; 7 ku buryo yaba uwutera canke uwuvomera ata co ari+, kiretse Imana yo ikuza+. 8 Uwutera n’uwuvomera rero ni umwe+, mugabo umuntu wese azoronka impembo yiwe bwite nk’uko yabize akuya+. 9 Kuko turi abakozi bakorana n’Imana+. Mwebwe muri itongo ry’Imana+ ririko rirarimwa, inyubakwa y’Imana+.
10 Nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana nahawe buri, bwa muyobozi w’ibikorwa w’inkerebutsi narashinze umushinge+, mugabo uwundi muntu ariko arawubakako. Ariko umwe wese nagume araba neza ingene awubakako+. 11 Kuko ata muntu ashobora gushinga uwundi mushinge+ atari uwashinzwe, ari wo Yezu Kristu+. 12 Nimba rero umuntu awubatseko inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ivyatsi, ibishakara, 13 igikorwa c’umwe wese kizoja ahabona, kuko wa musi uzocerekana, kubera ko kizohishurwa biciye ku muriro+; kandi uwo muriro nyene uzokwerekana ubwoko bw’igikorwa c’umwe wese. 14 Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kuri wo, nicagumaho+, azoronka impembo+; 15 igikorwa c’umuntu nicasha, azohomba, mugabo we ubwiwe azokizwa+; yamara nivyaba gutyo, bizoba nk’aho biciye mu muriro+.
16 Ntimuzi yuko muri urusengero rw’Imana+, be n’uko impwemu y’Imana iba muri mwebwe+? 17 Nimba umuntu asambuye urusengero rw’Imana, Imana izomusambura+; kuko urusengero rw’Imana ari rweranda+, nya rusengero+ akaba ari rwo mwebwe muri+.
18 Ntihagire uwihenda: Nimba muri mwebwe hari uwiyumvira ko ari inkerebutsi+ muri iki gihe, nabe igipfu, kugira abone gucika inkerebutsi+. 19 Kuko ubukerebutsi bw’iyi si ari ubupfu ku Mana+; kuko vyanditswe ngo: “Afatira inkerebutsi mu rwenge rwazo bwite+.” 20 Kandi ngo: “Yehova arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze+.” 21 Ntihagire rero n’umwe yirata mu bantu; kuko ibintu vyose ari ivyanyu+, 22 yaba Paulo canke Apolo+ canke Kefa, canke isi, canke ubuzima canke urupfu, canke ibiriho ubu canke ibizoza+, ibintu vyose ni ivyanyu; 23 namwe mwegukira Kristu+; Kristu na we yegukira Imana+.