Zakariya
4 Maze nya mumarayika yariko avugana nanje aragaruka hanyuma arankangura, nk’umuntu bakanguye mw’itiro+. 2 Nuko ambwira ati: “Ubona iki+?”
Nanje nti: “Mbonye igitereko c’amatara, cose gikozwe mu nzahabu+, hejuru kuri co hakaba hari ibakure. Kandi amatara indwi yaco ari kuri co, egome, indwi+; ayo matara ari hejuru kuri co afise imiringoti indwi. 3 Iruhande yaco hari ibiti vy’imyelayo bibiri+, kimwe iburyo bwa nya bakure, ikindi na co ibubamfu bwayo.”
4 Maze mbaza uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: “Ibi bintu bisobanura iki ga mukama wanje+?” 5 Uwo mumarayika yariko avugana nanje ambwira rero ati: “Ntuzi koko ico ivyo bisobanura?”
Nanje nti: “Oya, mukama wanje+.”
6 Nuko anyishura ati: “Iri ni ryo jambo Yehova abwiye Zerubabeli ati: ‘“Si ku bw’inteko za gisirikare+, canke ku bw’ububasha+, mugabo ni ku bw’impwemu yanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 7 Uri iki ga wa musozi munini+? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba intara ishashe. Kandi azosohora koko ibuye ry’umusozo+. Bazorivugiriza akaruru+ bati: “Ewe kuntu ari iry’igikundiro! Ewe kuntu ari iry’igikundiro+!”’”
8 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako riti: 9 “Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashinze umushinge w’iyi nzu+, kandi amaboko yiwe bwite ni yo azoyisozera+. Uzomenya ata kabuza yuko Yehova nyen’ingabo ari we yantumye kuri mwebwe+. 10 Kuko ni nde yasuzuguye umusi w’ibintu bitoyi+? Bazonezerwa koko+, babone karisho* mu kuboko kwa Zerubabeli. Ayo ndwi ni amaso ya Yehova+. Anyuragira mw’isi yose+.”
11 Ndamubaza rero nti: “Birya biti vy’imyelayo bibiri biri iburyo bwa kirya gitereko c’amatara n’ibubamfu bwaco, bisobanura iki+?” 12 Nongera kumubaza nti: “Turya tugundu tubiri tw’iminago y’ibiti vy’imyelayo tuvamwo amazimazi asa n’inzahabu aciye muri irya miringoti ibiri y’inzahabu, dusobanura iki?”
13 Nuko ambwira ati: “Ntuzi koko ico ivyo bisobanura?”
Nanje nti: “Oya, mukama wanje+.”
14 Avuga rero ati: “Turya ni bamwe babiri barobanujwe amavuta*+, bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose+.”